#686
Igihe tugezemwo
Umuco 2
Couplet 1
Igihe tugezemwo kirakomeye, N’igihe co kuba maso cane; Kukw’ Imbur’ ivugira hagati yacu, Ivuga k’Umwam’ Agir’Aze.
Refrain
Nidukanguke bene Data bakundwa, Dutegerez’uwo Mwami wacu; Az’Asange twambay’ Ukugororoka, Gutangwa n’Ijambo Ryiwe gusa.
Couplet 2
Gir’Ubuntu Mana y’Imbabazi nyinshi, Gir’Ubuntu duhabw’ Inkomezi; Zo kunesh’ Intambara ducamwo zose, Mu gihe tukiri muri iyi si.
Refrain
Nidukanguke bene Data bakundwa, Dutegerez’uwo Mwami wacu; Az’Asange twambay’ Ukugororoka, Gutangwa n’Ijambo Ryiwe gusa.
Couplet 3
N’ubwo duhura n’ibitugerageza, N’ingorane zikiyongeranya; Niduhang’ amaso mw’Ijuru ku Mana, Ni ho hav’Intsinzi y’Abizera.
Refrain
Nidukanguke bene Data bakundwa, Dutegerez’uwo Mwami wacu; Az’Asange twambay’ Ukugororoka, Gutangwa n’Ijambo Ryiwe gusa.
Couplet 4
Ewe Mana n’Urab’Ishengero Ryawe, Uhez’ Uturamire Mana yacu; Twer’imbuto ziguhimbara Mukiza, Tubone gushingir’ intah’abandi.
Refrain
Nidukanguke bene Data bakundwa, Dutegerez’uwo Mwami wacu; Az’Asange twambay’ Ukugororoka, Gutangwa n’Ijambo Ryiwe gusa.
Couplet 5
Nitwaramuka tugez’aho kunanirwa, Ni W’Uzotuber’ Uburuhukiro; Nituger’ah’ uruzuba ruba rwinshi, Uz’Utuber’ Ubwugamo Mwami.
Refrain
Nidukanguke bene Data bakundwa, Dutegerez’uwo Mwami wacu; Az’Asange twambay’ Ukugororoka, Gutangwa n’Ijambo Ryiwe gusa.
Couplet 6
Yesu Kristo ur’Igitandara canje, Ur’Inkinzo yanje ku Rugamba, Uri n’Ubwihisho jewe Nihishamwo, Eka uri Vyose ku Bawe bose.
Refrain
Ntaco nzotiny’Uri ku ruhande rwanje, Ntaco nzotiny’Uri hafi yanje; Ntaco nzotiny’Uri kumwe nanje Mwami, Eka ntaco nzotinya Mucunguzi.