Indirimbo Zikundwa Open in the app

#685

Mbega wa mukristo umaze imyaka

Umuco 2

Couplet 1

Mbega wa Mukristo, umaz’ imyaka myinsh’uri mw’Ishengero ry’Imana, Harageze k’urimbur’ ibikorwa vyawe, Ukaraba ko vyose wabitunganije, Kukw’igihe gisigaye ari gito cane, Ntutwarwe n’ibihend’ amaso... Kukw’ivyo ar’ibironder’ Ubugingo, Kugira ngo buje mu Mwiza.

Refrain

Tube maso bagenzi (tubon’ Igikorwa c’Imana), Turonder’ Uhoraho (uyu musi bigishoboka), Tugendere mu kuri (uyu musi bigishoboka), Kuko harih’Ubuntu ({Haracariho, n’Imbabazi.} x2)

Couplet 2

Har’igihe kenshi ivy’Ubugingo, Tuvyumva nk’imigani, Ariko s’imigani habe na gato, Tubikiw’ Ibitsibo iyo mw’Ijuru, Ni twakorera Umwami wacu Yesu, Tukagenda twumvir’ Ijambo... Imitima yacu igaca bugufi, Tukagenda twumvir’ Imana.

Refrain

Tube maso bagenzi (tubon’ Igikorwa c’Imana), Turonder’ Uhoraho (uyu musi bigishoboka), Tugendere mu kuri (uyu musi bigishoboka), Kuko harih’Ubuntu ({Haracariho, n’Imbabazi.} x2)

Couplet 3

Haracar’Ubuntu ariko bagenzi, Ntituz’igihe cabwo, Ni co gituma tudakwiye kwanjanjwa, Turonder’ Amavuta yo ku ruhande, Kugir’ Amatara yacu ntazozime, Ng’Umukwe ntazotwugarane, Ntituze tumere nka vya bijuju, vyagiz’ umwete muke cane.

Refrain

Tube maso bagenzi (tubon’ Igikorwa c’Imana), Turonder’ Uhoraho (uyu musi bigishoboka), Tugendere mu kuri (uyu musi bigishoboka), Kuko harih’Ubuntu ({Haracariho, n’Imbabazi.} x2)

Couplet 4

Iyo ndiko ndaba iyi si ya none, ingen’ij’ Ikuzimu, Ni co gituma twebw’ Abana b’Imana, Dukwiye kuba magabo cane rwose, Tukamatana n’Ijambo ry’Igihe cacu, Tukaraba ku Musaraba, Tukagwan’ Urugamba rw’uyu mubiri, Kuko uraduhenda cane.

Refrain

Tube maso bagenzi (tubon’ Igikorwa c’Imana), Turonder’ Uhoraho (uyu musi bigishoboka), Tugendere mu kuri (uyu musi bigishoboka), Kuko harih’Ubuntu ({Haracariho, n’Imbabazi.} x2)

Couplet 5

Ivy’uyu mubiri biraduhenda cane, Nimuvyumve bakundwa, Ni twashika no Ku musi wo guc’Imanza, Uyu mubiri ntabw’ uzoduherekeza, Uzoba wisubiriy’iyo wavuye, Naw’uzoba uriko urabazwa, ivy’uzoba wakoreye mu mubiri, Ni vyo bizokumaramaza.

Refrain

Twiyambur’umubiri, (N’akamere kacu kose), Twiboner’ Umukiza, (Maze twironker’ Ubugingo), Kugira ngo tugwane, (Kandi turafis’intsinzi), Nta nkeka tuzoshika, ({Twibanire na Yesu Kristo.} x2)