Indirimbo Zikundwa Open in the app

#682

Eh’umwami araje kutujana

Umuco 2

Couplet 1

Eh’ Umwami Araje kutujana, Abizera twese ngo tugende, Iwacu mw’Ijuru aho twahoze, Turuhuke ubutame bw’isi.

Refrain

Abashak’iwabo ngo tugende, Mureke kurab’ ivy’i Sodomu, Mutazomera nka muka Loti, yakunz’ivyo mw’isi, bimutuma ahinduka inkingi y’umunyu.

Couplet 2

Twari twarabwiw’ Ibimenyetso, Bitwereka yuko turi hafi, Gutah’ Imuhira mu Gihugu, Kimwe gitemb’ amata n’ubuki.

Refrain

Nimurabe nez’ukw’isi igenda, Murabe n’Ijambo uko rivuga, Musanga ata gihe dusigaje, Co gushir’ imitima ku vy’isi, Tugende nk’abazi iyo baja.

Couplet 3

Nimurabe neza bene Data, Harih’ igipfungu kizibira, (U)mugeni wa Kristo ukamenga, Ntazi neza ibimukwiriye.

Refrain

Niduhang’amaso Umusaraba, Kuko ni wo waduhay’ Intsinzi, Ku musozi wer’i Gologota, Hamw’ Umwami Yesu Yavug’ati: “Intsinz’ ihaw’Abizera bose”.

Couplet 4

Nimurab’ukw’ibihe bigenda, Muhang’ amaso Isirayeli, Umusukon’ uratotahaye, Uwizera yiyubare cane.

Refrain

Nitureke vyose twumvir’ Ijambo, Kuko ni wo Mwambaro w’Ukuri, Umukwe Yahaye Umugeni, Ni naw’Azoraba kuri Wa Musi, Bitum’ Ameny’ Umugeni Wiwe.