#683
Ewe Mana uri mw’ijuru
Umuco 2
Couplet 1
Ewe Mana uri mw’Ijuru, Dawe wa twese Mwiza, Izina Ryawe Mwami, Niryubahw’ubu n’ibihe vyose.
Refrain
We Waremye amatwi yumva, Ukarema n’amas’ abona; Ntiwonanirwa Mana no kwumva Ugusenga kw’Abana Bawe.
Couplet 2
Teg’ugutwi Mana y’Abera, Kandi Wumv’ Ugusenga kwacu, Akir’imitima yacu, Mana turaj’uko turi kwose.
Refrain
Waruvuze ko ur’Inzira, Ukuri be n’Ubugingo, Kw’Abazoz’ Iwawe bose, Uzobatur’ imitwaro yabo.
Couplet 3
Ewe Mana y’Aburahamu, Na Isaka n’abandi bose, Wagiy’ Ufasha mu Nzira, Natw’Udufashe tuzorangize.
Refrain
Tuzogushima Mana yacu, Ni twagera mu Bwami Bwawe, Tuzoririmbana n’Abera, Indirimbo nsha zo Kugushima.
Couplet 4
Waravuze ngw’«Isi n’ibanka, Muzomenya ko mur’Abanje» Ngo «Niyabakunda na ho, Muzomenyera ko mur’Abayo».
Refrain
Twe tur’Ingezi mur’iyi si, Na kavantara mu Rugendo, N’Uze Udufashe Mana, Mw’uru Rugendo turakwinginze.
Couplet 5
Wewe uvyagiye mw’Ijuru, Is’ikaba indava yawe, Niwumv’ Ugusenga kwacu, Abana Bawe Man’Udufashe.
Refrain
Tubisavye Mana twizeye ko wumvis’ Ugusenga kwacu; Mw’Izina ry’Umwami Yesu, Ni ho Dusavye tuti: “Amen”.