Indirimbo Zikundwa Open in the app

#681

Igihe n’iki co kwitegura

Umuco 2

Couplet 1

Igihe n’iki co kwitegura cane, Kugira ngo twitunganye neza, Twiyambure rer’impuzu mbi zanduye, Tubone kwambara iz’Ubukwe.

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 2

Ntukihebure namba we mwene Data, Wiganyire ngo “Ntavyo nzoshobora”. Ibuka gusa ko Yesu ari Muzima, Maz’umwizigire Azobikora.

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 3

Ijambo ry’Imana ritumenyesha ko, Umwami ari hafi Kugaruka, N’ivyo tubona vyose biratwemeza, None ncuti yanje uri maso?

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 4

Ntidusamazwe namba n’ivyo tubona, Kuko n’ivy’akanya gato cane, Fat’ugumye rero neza ico wahawe, Ntiwanjanjwe ku Bugingo bwawe.

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 5

Hang’ amaso gus’ico Ijambo rivuga, Kandi wizigir’ Umwami Yesu, Uhez’urabe kw’Atazogutsindira, Uragenda unesh’ Umwansi wawe.

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 6

Mwene Data ntiwihende na gatoya, Wibaza ko har’umwanya ufise, Wo kwinezereza n’ivy’uyu mubiri, Ngw’ejo hariho, nzoba ndasenga.

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 7

Ntimugaterw’ubwoba n’ivyo mucamwo, Maze ngo mwibagir’ Umukiza, Shir’amanga mubandanye Urugendo, Har’Uwanesheje iruhande yanyu.

Refrain

Imana Yera ni Y’Izodushoboza, Gusa nk’ukw’ Ijambo Ryayo riri, Yesu Kristo ni We Yadusezeraniye, Mbega n’iki cobuza kw’Abishitsa?

Couplet 8

Senga cane ewe mwene Data nkunda, Wiyegereze Umwami wawe rwose, Musabe inkomezi zo Kunesha vyose, Maz’ugendan’ intsinzi muri wewe.