#678
Mwami Yesu Mana y’imbabazi
Umuco 2
Couplet 1
Mwami Yesu Mana y’imbabazi, N’Udushoboze tugumane rwose, {Kuko nta handi, eka nta handi Mwami, Har’Ubugingo atar’i Wawe Yesu.} x2
Couplet 2
Watunyujije Mwami mu Ntambara, Kuva twizera no gushika na n’ubu, {Warabikora ng’Urab’ ukwihangana kw’Abana bawe Bizey’ata buryarya.} x2
Couplet 3
Abihangana Waratugwanira, Tuzigamirwa kenshi mw’Ijambo Ryawe, {Ukaturenza Yes’umwaka n’uwundi, Dufashe n’ubu mu myak’ itur’imbere.} x2
Couplet 4
Ku bw’ivyo vyiza Mana Udukorera, Satani ntabinezererwa namba, {Kuko na n’ubu agum’ avyur’ ingunza, Ngw’abuz’ Abawe kubandany’ Urugendo.} x2
Couplet 5
Bana b’Imana menya ivyo twizeye, N’ivy’Igiciro, n’Ubuntu buhebuje, {N’ubwo Satan’ agwiz’ imiyaga myinshi, Nzokwama Nshima: Yesu Yaranesheje.} x2
Couplet 6
Ni nde yobura ishimwe ryo gushima, Mw’uru Rugendo kuva yizer’ Ijambo? {Ereg’Ishimwe rikwiye guseruka ku Mwana w’Imana yizey’ata buryarya.} x2