#679
Ewe Mwami wacu Yesu Kristo
Umuco 2
Couplet 1
Ewe Mwami wacu Yesu Kristo, Ur’Imana Wam’Udukiz’ indwara, Eka n’ ibitero vyinshi vya wa Mwansi, Ni Wewe Mana Wam’ ubidutsindira.
Refrain
Rek’Imana yacu yitw’Imana, Umwami Yesu ni We Mana yacu, izindi zose n’ibigirwamana; Rek’Abiwe bitw’Abana b Imana.
Couplet 2
Mbe Satani k’uduhiga cane?! Menya neza kw’Amaraso yatanzwe, Inyonga z’Uhorah’ Imana yacu, Zama ziri k’ûbaz’Izina ryiwe.
Refrain
Rek’Imana yacu yitw’Imana, Umwami Yesu ni We Mana yacu, izindi zose n’ibigirwamana; Rek’Abiwe bitw’Abana b Imana.
Couplet 3
Ubu ndiho nitwa Umukristo, Ubu ndiho mpagaze mu Kwizera, Nta n’ikindi na kimwe nokwirata, Atar’Ubuntu Yesu Yangiriye.
Refrain
Rek’Imana yacu yitw’Imana, Umwami Yesu ni We Mana yacu, izindi zose n’ibigirwamana; Rek’Abiwe bitw’Abana b Imana.
Couplet 4
Mbeg’Ubuntu burengeye cane, Imana yacu Yam’Itugirira, imisi yose ku musi ku musi, Muze twese dushim’ Izina Ryiwe.
Refrain
Rek’Imana yacu yitw’Imana, Umwami Yesu ni We Mana yacu, izindi zose n’ibigirwamana; Rek’Abiwe bitw’Abana b Imana.
Couplet 5
Ingo dutazir’Izina ry’Uhoraho, Muze dushime Ubuntu Twagiriwe, Imbabazi ziwe n’Urukundo rwiwe, N’ivy’ukuri n’Imana yo Gusengwa.