#677
Mana nsuzuma umenye yuko...
Umuco 2
Couplet 1
Mana nsuzuma Umenye yuko nkunogeye mu mutima wanje, N’uncace Umenye n’ivyiyumviro vyanje, Urabe ko ndi mu Nzira.
Refrain
Ndagushima (We) Muremyi wacu, N’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Couplet 2
Uhoraho nkiz’Abanyakibi, Undinde abantu b’ibirara, barajw’ishinga n’ivy’ubwicanyi, Na ntaryo banduruts’ intambara.
Refrain
Ndagushima (We) Muremyi wacu, N’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Couplet 3
Uhoraho, Bwirukiro bwanje, N’inkomezi z’Agakiza kanje, Ni Wew’Ukingira umutwe wanje, Abansi banteze imitego.
Refrain
Ndagushima (We) Muremyi wacu, N’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Couplet 4
Uhorah’Igitandara canje, N’Ushimagizwe We Mwami wanje, Hahirw’ Ihanga ribaho rityo, Hahirw’ Ihanga rijana na We.
Refrain
Ndagushima (We) Muremyi wacu, N’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Couplet 5
Mana yanje Mwami wanje Yesu, Ndagushira hejuru ya vyose, Nzoshemagiza Izina ryawe, Ibihe bitazoshira, Mana.
Refrain
Ndagushima (We) Muremyi wacu, N’Umukiza wacu Yesu Kristo.
Couplet 6
Haleluya mu mutima wanje, Ndashima ndirimbir’ Uhoraho, Ubwenge bwiwe burarengeje, N’Umunyenkomezi nyinshi cane.
Refrain
Ndagushima (We) Muremyi wacu, N’Umukiza wacu Yesu Kristo.