Indirimbo Zikundwa Open in the app

#670

Umwana w’imana ntatungwa...

Umuco 2

Couplet 1

Umwana w’Imana ntatungwa n’indya gusa, Atungwa n’Ijambo riva mu kanwa k’Imana.

Refrain

Turirimbe tunezerewe, twibuka ko twacunguwe, Twumv’ Ijambo, twibuka kw’ar’ umutsima w’Ubugingo.

Couplet 2

Ntukor’igikorwa ng’ushimwe n’abantu, Imana Yiyerekanira mu bo Yakunze.

Refrain

Turirimbe tunezerewe, twibuka ko twacunguwe, Twumv’ Ijambo, twibuka kw’ar’ umutsima w’Ubugingo.

Couplet 3

Yesu ni We Jambo, Ijambo n’Imana, Abamwizera Abaha kuba Abana Biwe.

Couplet 4

Nitwiyeze cane, duhinduk’ Abera, Kuk’uwutejejwe ntaziger’ abon’Umwami.

Refrain

Turirimbe tunezerewe, twibuka ko twacunguwe, Twumv’ Ijambo, twibuka kw’ar’ umutsima w’Ubugingo.

Couplet 5

Wewe ni wahinduka, naw’uhindur’ abandi, Izina ry’Umwami Yesu rishirwe hejuru.

Refrain

Turirimbe tunezerewe, twibuka ko twacunguwe, Twumv’ Ijambo, twibuka kw’ar’ umutsima w’Ubugingo.

Couplet 6

Yesu ni We Jambo, Ijambo n’Imana, Abamwizera Abaha kuba Abana Biwe.

Refrain

Turirimbe tunezerewe, twibuka ko twacunguwe, Twumv’ Ijambo, twibuka kw’ar’ umutsima w’Ubugingo.

Couplet 7

Ni twashika mw’Ijuru, ntituzokwibuka imibabaro yo mw’isi, muze twihangane.