Indirimbo Zikundwa Open in the app

#669

Mana, Mana we!

Umuco 2

Couplet 1

Mana, Mana We, Shemezwa, Kuko ni We Waduhay’ urukundo. Mana, Mana We, Shemezwa, Kuko ni We Waduhay’iyi Ntsinzi.

Refrain

Shemezwa kuko ni We Mana Ihambaye, Ubwiza bwawe Yesu burandengeye.

Couplet 2

Mana Mana We komeza, Kutwereka Igikorw’ic’ari co. Mana, Mana We, Komeza Kwiyerekana mw’Ihanga Wakunze.

Refrain

Shemezwa kuko ni We Mana Ihambaye, Ubwiza bwawe Yesu burandengeye.

Couplet 3

Mana, Mana We, Ibuk’izo Ntama, Zikiyerera mu madini. Mana, Mana We, na bo babone Ico Gikorwa Uhishura.

Refrain

Shemezwa kuko ni We Mana Ihambaye, Ubwiza bwawe Yesu burandengeye.

Couplet 4

Mana, Mana We, Ibuka n’izindi, Zari zaciye mw’Ihanga. Mana, Mana We, na zo zibuke ukuntu Wabambwe ku bwazo.

Refrain

Shemezwa kuko ni We Mana Ihambaye, Ubwiza bwawe Yesu burandengeye.

Couplet 5

Mana, Mana We, na twebwe, Turagusavy’ Udukure mu vyago. Mana, Mana We, bidutuma, Tudashing’ ikirenge mu Cawe.

Refrain

Shemezwa kuko ni We Mana Ihambaye, Ubwiza bwawe Yesu burandengeye.