Indirimbo Zikundwa Open in the app

#671

Ubuntu bw’imana

Umuco 2

Couplet 1

Ubuntu bw’Imana n’Ubuntu butangaje, Bwankuye mu buzimire bw’amadini, Bunzana mw’Ihanga ryera ry’Uhoraho, Aho ntacitirirwa idini na rimwe, {Nitirirwa Yesu We Yambambiwe.} x2

Couplet 2

Ubuntu bw’Imana n’Ubuntu butangaje, Bwankuye mu buja bw’Umwansi Satani, Bunzana kwizera Ijambo ry’Ukuri, Ubu n’amahoro mu mutima wanje, {Mfasha rwose Yesu sinze nnanirwe.} x2

Couplet 3

Ubuntu bw’Imana n’ubu ni bwo mpimbaza, Bwamenyesheje iyi Nzira y’Ukuri, Inzir’ ifunganye kand’ icamwo bake, Kuyihishurirwa n’uguca bugufi, {N’Inzira ntoya ishitsa mu Bugingo.} x2

Couplet 4

Reka kujarajar’ufat’ ivy’irya n’ino, Ukwizera n’ukutizera ntibijana, Kugororoka n’ukugabitanya ntibivangwa, inyigisho z’abantu n’iz’Imana ntibihura, {Emera Mpwemu ni We ngwati y’Agakiza.} x2

Couplet 5

Imana ntibihuye namba na Satani, Wewe wahisemwo kwizera Ukuri, Erekana k’ubize canke wob’ukonje, Woye gupfind’ Imana wigir’akazuyazi, {Ni kw’Iman’ Idondorer’abo Yakunze.} x2