Indirimbo Zikundwa Open in the app

#651

Ugusenga kw’abana b’imana

Umuco 2

Couplet 1

Ugusenga kw’Abana b’Imana, Kwumvikanye k’Uhoraho, Inyishu yawe mwana w’Imana, iragiye gushika.

Refrain

Imana ntitebej’Isezerano, Nk’uko benshi biyumvira kw’iritevya, Arikw’Igomba bose bihane, bakir’Ijambo Ryayo.

Couplet 2

Abana b’Imana barapimwa, Bapimirwa mw’Ijambo, Umukozi w’Imana n’uwa Satani, Ubamenyera mw’Ijambo.

Refrain

Imana ntitebej’Isezerano, Nk’uko benshi biyumvira kw’iritevya, Arikw’Igomba bose bihane, bakir’Ijambo Ryayo.

Couplet 3

Hezekiya nawe yarapimwe, Yapimiwe mw’Ijambo, Aseng’Uhorah’ Imana Yiwe, Yongerw’ imyaka yo kubaho.

Refrain

Imana ntitebej’Isezerano, Nk’uko benshi biyumvira kw’iritevya, Arikw’Igomba bose bihane, bakir’Ijambo Ryayo.

Couplet 4

Mu gusenga kwawe mwene Data, Winging’ Imana Yawe, Mushiki wanje ntiwiganyire, Tabaza Yesu gusa.

Refrain

Imana ntitebej’Isezerano, Nk’uko benshi biyumvira kw’iritevya, Arikw’Igomba bose bihane, bakir’Ijambo Ryayo.

Couplet 5

Intambara urih’ugwana, S’iyawe mwene Data, Niwihangane mushiki wanje, Tugiye kurangiza.

Refrain

Imana ntitebej’Isezerano, Nk’uko benshi biyumvira kw’iritevya, Arikw’Igomba bose bihane, bakir’Ijambo Ryayo.

Couplet 6

Bantu b’Imana mutihanye, Ni mwe mudutebeje, Yes’Agir’ Ajane Ishengero, Mbe mweho muzoja he?

Refrain

Imana ntitebej’isezerano, Nk’uko benshi biyumvira kw’iritevya, Arikw’Igomba bose bihane, bakir’Ijambo Ryayo.