#652
Ndagushima ndaguhimbaza
Umuco 2
Couplet 1
Ndagushima, ndaguhimbaza Mwami, Kuk’unyihanganira kenshi, Mu ntege nke zanje zose Yesu, Undenza umwaka n’uwundi, {Nkiri mw’iyi Nzira y’Ukuri, Kw’Ijambooo ry’Igihe cacu.} x2
Refrain
None raba Yesu umwak’ urangiye, Intege nke zose Mana nagizemwo, Ndazizany’i Wawe, kugira ngo Uzirangizanye na wo.
Couplet 2
Ndagushima, ndaguhimbaza Mwami, Ku bw’urwo Rukundo Wadukunze, Nzoshemeza gut’Umwam’ Ahoraho? Nzosarazwa no kumutazira, {Yesu Kristo ur’Imana Y’Ukuri, Himbazw’ Urabikwiye.} x2
Refrain
None raba Yesu umwak’ urangiye, Intege nke zose Mana nagizemwo, Ndazizany’i Wawe, kugira ngo Uzirangizanye na wo.
Couplet 3
Isengesho nsaba Mwami wanje n’iri: N’ukomeze Wumv’ ugutakamba kw’Abana Bawe dusaba Mwami, Mu myak’ir’ imber’uduhe kunesha, {Imigabo ya Satani, Dushoboze yose tuzoyitsinde.} x2
Refrain
None raba Yesu umwak’ urangiye, Intege nke zose Mana nagizemwo, Ndazizany’i Wawe, kugira ngo Uzirangizanye na wo.
Couplet 4
Imyaka turenganye Mwami Yesu, Yabay’ Intambara z’urutavanako, Dufashe mu myak’ itur’imbere, Iz’itubere iyo kunesha, {Uz’Ugaragaze Intsinzi, Idasubirwamwo kw’Ihanga ryawe.} x2
Refrain
None raba Yesu umwak’ urangiye, Intege nke zose Mana nagizemwo, Ndazizany’i Wawe, kugira ngo Uzirangizanye na wo.
Couplet 5
Garagaz’Igikorwa Mwami Yesu, C’Abahizi kw’Ishengero ryawe, Ntibize bisubire kw’Ihanga Ryawe, {Uze Werekan’ Igikorwa, Gishimisha bose kw’Ihanga Ryawe.} x2
Refrain
None raba Yesu umwak’ urangiye, Intege nke zose Mana nagizemwo, Ndazizany’i Wawe, kugira ngo Uzirangizanye na wo.