#650
Guca bugufi kurabereye
Umuco 2
Couplet 1
Guca bugufi kurabereye, Ku mwana w’Imana ah’uri hose, N’ikimenyetso kigaragaza, Uw’umvir’ijwi ry’Umwami Yesu.
Couplet 2
Zakayo kubwo kwumvir’ Umwami, Vyatumye yururuka ku giti, Maz’Agakiza kamushikako, Kuko yemeye guca bugufi.
Couplet 3
Ku bwo gukor’Ic’Iman’ Igomba, Zakay’ asubiz’abo yagunze ivyabo vyose, amaramaza gukurikira Umwami Yesu.
Couplet 4
Zakayo ntiyigeze yibaza, Ivy’ubutunzi bimukikije, yahishuriw’ Ibanga ry’Ukuri, Ko Ari Yesu Aruta vyose.
Couplet 5
Biradukwiye guca bugufi, Kukw’iyo tuja mur’ubwo Bwami, N’Ubwami bw’Abaciye bugufi, Bemera kumera nk’umwana muto.
Couplet 6
Umvir’Ijambo uce bugufi, Wumvir’ Ic’Iman’ Ikugombako, Maze wipime mw’Ijambo Ryayo, Ic’uhajije usab’Imana.
Couplet 7
Nturab’igihagararo cawe, Cank’ubutunzi bugukijije, Maze wishira hejuru ncuti, Bitume uja kure y’Imana.
Couplet 8
Mu kanya gato dusigaranye, Ko kuba mw’ubu Buntu bw’Imana, Cish’imitima yacu bugufi, Kuk’Uburake bw’Imana buje.