#645
Nariboney’ikiganza c’umwami
Umuco 2
Couplet 1
Nariboney’ikiganza c’Umwami wanje Yesu Kristo, igihe nari mu Mwiza, nd’ikuzimu kwa Satani, Yankujey’ Ubushobozi Bwiwe bwinshi butovugwa, Yangiriy’ Imbabazi nyinshi.
Refrain
(Reka, reka) Reeeka ngushimire Mwami Yesu, Kuba Warampaye Ukubaho nizey’ Ijambo Rizima ry’Igihe c’Akagoroba, Ntaco mfise noguha gikwiye.
Couplet 2
Iki gihe naciyemwo cababaj’ umutima wanje, Kuko naratay’ umwanya ndiko nseng’ izindi mana, Ariko ntavyo nari nzi Mwami wanj’ umbabarire, Kuko Wangiriye Ubuntu.
Refrain
(Reka, reka) Reeeka ngushimire Mwami Yesu, Kuba Warampaye Ukubaho nizey’ Ijambo Rizima ry’Igihe c’Akagoroba, Ntaco mfise noguha gikwiye.
Couplet 3
Warangiriy’Imbabazi Mwam’ Unkura mu buzimire, Uribuka ko nkigwana Urugamba rwo kwizera, Uram’Umba hafi Mwami kuko nd’umunyantege nke, Mu muntu nta ciza kiriyo.
Refrain
(Reka, reka) Reeeka ngushimire Mwami Yesu, Kuba Warampaye Ukubaho nizey’ Ijambo Rizima ry’Igihe c’Akagoroba, Ntaco mfise noguha gikwiye.
Couplet 4
Eka nta gahengwe mfise ko ncambaye uyu mubiri, Ngwana nawo buri musi kugira mpimbar’ Imana, Ngasanga ntaco nshoboye kuk’Urugamb’ atar’urwanje, N’urwa Kristo Yaducunguye.
Refrain
(Reka, reka) Reeeka ngushimire Mwami Yesu, Kuba Warampaye Ukubaho nizey’ Ijambo Rizima ry’Igihe c’Akagoroba, Ntaco mfise noguha gikwiye.
Couplet 5
Iyi Nzira ndimwo Mwami, n’Inzira ifunganye cane, Irimw’ amashami menshi, benshi irabananira bagahitamw’ iyoroshe, Kand’abo ntaco mbarusha, Uramba hafi Mucunguzi.
Refrain
(Reka, reka) Reeeka ngushimire Mwami Yesu, Kuba Warampaye Ukubaho nizey’ Ijambo Rizima ry’Igihe c’Akagoroba, Ntaco mfise noguha gikwiye.
Couplet 6
Hari bene Data benshi batwitangiy’ imbere Mwami, Bari bambay’ umubiri nk’uwo twambay’uyu musi, Wabahaye Ukwizera ubaha n’ukwihangana, Natw’Urabiduha Mukiza.
Refrain
(Reka, reka) Reeeka ngushimire Mwami Yesu, Kuba Warampaye Ukubaho nizey’ Ijambo Rizima ry’Igihe c’Akagoroba, Ntaco mfise noguha gikwiye.
Couplet 7
Ijambo Ryawe Mukiza n’Ijambo ryuzuy’ Inkomezi, Rihindur’ umuntu buntu, Rikamugira uwera, Natwe niryo twama twumva, ryatugiz’ Abana Bawe, Uraduha kukuyoboka.