#644
Mbega nkanje Mana
Umuco 2
Couplet 1
Mbega nkanje Mana umusavyi wawe, Noshobora nte kuvugana Nawe Mana? Je nd’umunyantege nke, Wew’Ur’ Uw’Ubushobozi, Ni Wavug’ Ijambo rimwe nanje ndakira.
Refrain
Ukuri n’Ijambo rizotuyobora, Rizoduha kwumva ya Nzamba ni yavuga.
Couplet 2
Ijambo ry’Imana rindutira vyose, Kuko ryankuye kwa Satani w’ibinyoma; Rinjana ku Muco mbon’ Umwami Yesu, Ubu mfis’ amahoro mu mutima wanje.
Refrain
Ukuri n’Ijambo rizotuyobora, Rizoduha kwumva ya Nzamba ni yavuga.
Couplet 3
Yesu n’Umukunzi Andutira bose, Kuko Yemeye kwitanga, nanje nkabaho; Iman’ Ikoresha abasavyi bayo, Kuko bemeye kwitangira Igikorwa.
Refrain
Ukuri n’Ijambo rizotuyobora, Rizoduha kwumva ya Nzamba ni yavuga.
Couplet 4
Igihe turimwo cayobeje benshi, Kubishinga bayoborwa n’ubwenge bwabo; Mu Gikorwa c’Imana, icubahiro ntikibaho, ubwenge ntibubaho, N’uguca bugufi.
Refrain
Ukuri n’Ijambo rizotuyobora, Rizoduha kwumva ya Nzamba ni yavuga.
Couplet 5
(A)bayoborwa n’umubiri bam’ivy’ umubiri, (A)bayoborwa na Mpwemu bam’ivy’uyo Mpwemu, (A)bayoborwa na Mpwemu nibo Bana b’Imana, Barongorwa n’Imana Ikabihishurira.
Refrain
Ukuri n’Ijambo rizotuyobora, Rizoduha kwumva ya Nzamba ni yavuga.
Couplet 6
Igihe c’Intumwa, Yuda yarasohotse, Mpwemu Yera yaraje buzur’ Ubushobozi; Tugeze mu gihe twiyambur’ ibitwanduza, Twiyeze twitunganye, Twitege Kuzamurwa.
Refrain
Ukuri n’Ijambo rizotuyobora, Rizoduha kwumva ya Nzamba ni yavuga.