#646
Mw’ihamagarwa ryawe mwene data
Umuco 2
Couplet 1
Mw’ihamagarwa ryawe mwene Data, Igihe wizera Umwami Yesu, Ko wari wuzuy’ urukundo rwinshi, N’ishaka mu Gikorwa c’Uhoraho, {(None) rwa rukundo hamwe, N’inzara n’inyota vy’Imana, Mbega n’ubu ni ko biri?} x2
Refrain
Aho rero n’ah’umwe wese, yogira ukwikebuka, ukaraba k’Umwami Yesu, Ahimbarwa n’ukwizera kwawe.
Couplet 2
Mw’ihamagarwa ryawe mwene Data, Igihe wizera Umwami Yesu, Ko war’ufise inzara n’inyota, Yo gukoranira mw’Ihema ry’Uhoraho, {(None) kwa gukunda gukoranira, Mw’Ihema ry’Uhoraho, Mbega n’ubu ni ko biri?} x2
Refrain
Aho rero n’ah’umwe wese, yogira ukwikebuka, ukaraba k’Umwami Yesu, Ahimbarwa n’ukwizera kwawe.
Couplet 3
Mw’ihamagarwa ryawe mwene Data, Igihe wizera Umwami Yesu, Ko war’ufise inzara n’inyota, Yo gusengera mu Mpwemu no mu Kuri, {(None) kwa gukunda gusengera muri Mpwemu no mu Kuri, Mbega n’ubu ni ko biri?} x2
Refrain
Aho rero n’ah’umwe wese, yogira ukwikebuka, ukaraba k’Umwami Yesu, Ahimbarwa n’ukwizera kwawe.
Couplet 4
Mw’ihamagarwa ryawe mwene Data, Igihe wizera Umwami Yesu, Ko war’ufise inzara n’inyota, Yo gushingir’ intah’abandi bizere, {(None) kwa gukunda gushingir’ intah’abandi bizere, Mbega n’ubu ni ko biri?} x2
Refrain
Aho rero n’ah’umwe wese, yogira ukwikebuka, ukaraba k’Umwami Yesu, Ahimbarwa n’ukwizera kwawe.
Couplet 5
Mw’ihamagarwa ryawe mwene Data, Igihe wizera Umwami Yesu, Ko war’ufise inzara n’inyota, Yo kuririmba ishimwe ry’Uhoraho {(None) kwa gukunda kuririmba Ishimwe ry’Uhoraho, Mbega n’ubu ni ko biri?} x2
Refrain
Aho rero n’ah’umwe wese, yogira ukwikebuka, ukaraba k’Umwami Yesu, Ahimbarwa n’ukwizera kwawe.
Couplet 6
Mw’ihamagarwa ryawe mwene Data Igihe wizera Umwami Yesu, Ko war’ufise inzara n’inyota, Yo kudug’ imisoz’uvug’ Ubutumwa, {(None) kwa gukunda kuvug’ Ubutumwa Bwiza bw’Igihe, Mbega n’ubu ni ko biri?} x2
Refrain
Aho rero n’ah’umwe wese, yogira ukwikebuka, ukaraba k’Umwami Yesu, Ahimbarwa n’ukwizera kwawe.