Indirimbo Zikundwa Open in the app

#643

Mwami wanje wankunze

Umuco 2

Couplet 1

Mwami wanje Wankunze nzokwama ngushima, Mu misi yanje yose nzoba nkiriho. Arik’ururimi rwanje ni rukene cane, Harih’Umusi nzoba nshima vyumvikana.

Refrain

Icubahiro n’ic’Umwami wacu, N’ishimwe na ryo n’iry’Umwami wacu, Ivyiza vyose biva kuri We, {Nta na kimwe twakoze, Kugira ngo... Atubambirwe.} x2

Couplet 2

Ndanezerewe cane ndahimbaza Yesu, Ku bw’Amaraso Yiwe Yatanze ku bwanje, N’ubu ntahengeshanya aguma aseseka, N’uwazimiye wese akazimuruka.

Refrain

Icubahiro n’ic’Umwami wacu, N’ishimwe na ryo n’iry’Umwami wacu, Ivyiza vyose biva kuri We, {Nta na kimwe twakoze, Kugira ngo... Atubambirwe.} x2

Couplet 3

Iyo nibutse jewe ivyo nahozemwo, Ingen’ Umwansi wanje yar’anezerewe, Arik’uyu musi aramaramara, Kuk’umuheto wiwe waratsw’ inkomezi.

Refrain

Icubahiro n’ic’Umwami wacu, N’ishimwe na ryo n’iry’Umwami wacu, Ivyiza vyose biva kuri We, {Nta na kimwe twakoze, Kugira ngo... Atubambirwe.} x2

Couplet 4

Yesu Kristo Wankunze, ingo Wam’umfasha, Unshire mu Biganza mbandany’ Urugendo, Inkomezi ni Wewe no kubaho kwose, Nizey’ Ubuntu bwawe Mucunguzi Mwiza.

Refrain

Icubahiro n’ic’Umwami wacu, N’ishimwe na ryo n’iry’Umwami wacu, Ivyiza vyose biva kuri We, {Nta na kimwe twakoze, Kugira ngo... Atubambirwe.} x2

Couplet 5

Mbeg’umuntu buntu nkanje yosigura gute, Ivy’Ubuntu n’Urukundo Ukorer’ Abawe, Uwoja kubivuga ntavyo yoshobora, N’ivyo noba nzi Mwami, ndabibon’ agace.

Refrain

Icubahiro n’ic’Umwami wacu, N’ishimwe na ryo n’iry’Umwami wacu, Ivyiza vyose biva kuri We, {Nta na kimwe twakoze, Kugira ngo... Atubambirwe.} x2

Couplet 6

Ko tubon’Urukundo rurengeye vyose, Muze twizer’ Umwami n’imitim’ ikunze, Twiyanke tumukunde, twambar’ inkomezi, Vyose tubicakire: N’Ubutunzi bwacu.