#642
Nzoshimisha uhoraho n’umutima wanje...
Umuco 2
Couplet 1
Nzoshimisha Uhoraho n’umutima wanje wose, Kukw’aho Wankuye Mwami hari habi mu buzimire, Ukuboko kwawe Mana kwarantabaye, Ubu ndi muzima ek’ubu nd’amahoro.
Refrain
Reka nguhimbaze Mana y’Aburahamu! Reka ngushimire Mana ya Yakobo! Reka ngutazire Mana y’Abizera! Kuko Wadutabaye hageze, Utugarukana mu Kuri, Aho dusenga tukumvirwa, Tugasaba tukishurwa Mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.
Couplet 2
Nzomenyesha bene Data Urukundo rwawe Mana, Ndababwire yuko uri (U)munyabuntu n’Imbabazi, Kuk’Utemeye kw’inyigisho z’ibinyoma, nguma mboshwe nazo, Yesu Warambohoye.
Refrain
Reka nguhimbaze Mana y’Aburahamu! Reka ngushimire Mana ya Yakobo! Reka ngutazire Mana y’Abizera! Kuko Wadutabaye hageze, Utugarukana mu Kuri, Aho dusenga tukumvirwa, Tugasaba tukishurwa Mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.
Couplet 3
Ewe Man’Isumba vyose, twe twaragucumuyeko, Kuko Ubugingo bwacu ntitwabubereye maso, Ariko mu gihe Washinze Waratwibutse, (U)twongera Kwizera Ijambo ryawe Yesu.
Refrain
Reka nguhimbaze Mana y’Aburahamu! Reka ngushimire Mana ya Yakobo! Reka ngutazire Mana y’Abizera! Kuko Wadutabaye hageze, Utugarukana mu Kuri, Aho dusenga tukumvirwa, Tugasaba tukishurwa Mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.
Couplet 4
N’ukur’Iman’Igirira neza Abayubaha bose, Ariko jeh’ibirenge vyari vyaratirimutse, Ni ko Mwami Warampariye, n’ugir’Ubuntu! Tabara n’abandi bave mu buzimire.
Refrain
Reka nguhimbaze Mana y’Aburahamu! Reka ngushimire Mana ya Yakobo! Reka ngutazire Mana y’Abizera! Kuko Wadutabaye hageze, Utugarukana mu Kuri, Aho dusenga tukumvirwa, Tugasaba tukishurwa Mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.
Couplet 5
Bene Data nimumfashe, mfasha mpimbaz’ Uhoraho ko Yankijije Urupfu, Akiz’ Ubugingo bwanje; Nimuze tumushimire kukw’Ari Mwiza, N’Imbabazi ziwe zamah’ibihe vyose.
Refrain
Reka nguhimbaze Mana y’Aburahamu! Reka ngushimire Mana ya Yakobo! Reka ngutazire Mana y’Abizera! Kuko Wadutabaye hageze, Utugarukana mu Kuri, Aho dusenga tukumvirwa, Tugasaba tukishurwa Mw’Izina ry’Umwami Yesu Kristo.
Couplet 6
Ukwubah’Ijambo ryawe Mana ni vyo tugusavye, Kuryitondera ntibize vyigere bituv’imbere, Ni ho tutazopf’ ariko tuzobaho, Twamamaz’ ivyiza vyinshi Wadukoreye.