#641
Ndashaka gukurikira
Umuco 2
Couplet 1
Ndashaka gukurikira Yesu Krist’Umwami wanje, Ariko har’ibingora, Ndazi na vyo nzobitsinda.
Refrain
{Ni Wanshoboza Mana, Ndazi yuko nzobitsinda.} x2
Couplet 2
Ehe Mwami wanje Yesu, Ub’imitego ni myinshi, Ndiko mbona mu Rugendo, Nshoboza ndarubandanye.
Refrain
{N’ubwo mbona bitoroshe, N’unzigamire mw’Ijambo.} x2
Couplet 3
Warabanye na Dawidi: Igihe yagwa mu caha, Ntabwo Wamuhebeyeyo, Waciye umuharira.
Refrain
{Yongera gushing’intahe, Yemeza k’Ur’Uhoraho.} x2
Couplet 4
Petero yabanye nawe: Igihe yakwihakana, Ariko ku bw’Urukundo, Wamugiz’ Intumwa Yawe.
Refrain
{Yamamaz’Ijambo Ryawe, Nanje mpa kugukorera.} x2
Couplet 5
Waravuze ko Uwawe, N’aho yogw’Uzomuvyura, Kw’atazozimir’ ukundi, Kandi Uzomutabara.
Refrain
{N’unshoboze Mwami Yesu, Sinze nkor’icah’ ukundi.} x2
Couplet 6
Ubu Mana ndakwinginze, Umparir’ ivyaha vyanje, Kuko nd’umwe mu Bizera, Nze mbashe gushik’Iwawe.
Refrain
{N’unkoreshe ivy’Ushaka, Mbashe kugukurikira.} x2