Indirimbo Zikundwa Open in the app

#640

Amadini ubu ariko ariyunga

Umuco 2

Couplet 1

Amadini ubu ariko ariyunga, ibihugu biriko biriyunga, Ivyo vyose n’ivyerakana k’Uje, {Impa nanje kwuzura n’Ijambo.} x2

Refrain

Mpa kwuzura nawe, nse nk’uk’Ugomba, Kuk’Uraje kandi uri ku Rugi, Uravuga ko uwugurura, Urinjira Usangire na We, {Ingo rero dusangire Mwami.} x2

Couplet 2

Herode na Pilato na bo bariyunze, Ku mus’umwe kandi bari bankana, Aho bagomba gushits’ Ivyavuzwe, {Duhe natwe kwiyunga n’Ijambo.} x2

Refrain

Mpa kwuzura nawe, nse nk’uk’Ugomba, Kuk’Uraje kandi uri ku Rugi, Uravuga ko uwugurura, Urinjira Usangire na We, {Ingo rero dusangire Mwami.} x2

Couplet 3

Iyo turavy’ivyo Waremye vyose, Ikirere ntikimez’uko cari, Ibiyaga ntibimez’uko vyari, {Vyerekana Kugaruka kwawe.} x2

Refrain

Mpa kwuzura nawe, nse nk’uk’Ugomba, Kuk’Uraje kandi uri ku Rugi, Uravuga ko uwugurura, Urinjira Usangire na We, {Ingo rero dusangire Mwami.} x2

Couplet 4

Iy’atab’Amaraso y’Umwami Yesu, Twar’abo gucirwako iteka, Non’ubu Mwami tur’Abana bawe, {N’ukur’Ur’ Iman’Isumba vyose.} x2

Refrain

Mpa kwuzura nawe, nse nk’uk’Ugomba, Kuk’Uraje kandi uri ku Rugi, Uravuga ko uwugurura, Urinjira Usangire na We, {Ingo rero dusangire Mwami.} x2

Couplet 5

None Mana yanj’ubu ndakwinginze, Nshoboza Mana ndagukorere, Ibigwisha mu Rugendo ni vyinshi, {Impa Mwami kwuzura n’Ijambo.} x2

Refrain

Mpa kwuzura nawe, nse nk’uk’Ugomba, Kuk’Uraje kandi uri ku Rugi, Uravuga ko uwugurura, Urinjira Usangire na We, {Ingo rero dusangire Mwami.} x2

Couplet 6

Mwam’Uhoraho ubu twarizeye, Tumenya yuk’Ur’ Iman’Ihoraho, Mu vyo Wavuze vyarashitse vyose, {N’ukur’Ur’ Iman’Idahinduka.} x2

Refrain

Mpa kwuzura nawe, nse nk’uk’Ugomba, Kuk’Uraje kandi uri ku Rugi, Uravuga ko uwugurura, Urinjira Usangire na We, {Ingo rero dusangire Mwami.} x2

Couplet 7

Imana yacu n’Inyarukundo, Iradukunda ntaco Yatwimye, Ko twayizeye tuzoja mw’Ijuru, {Vy’ukuri, muze tuyemangire.} x2