#634
Mpisemwo guheba ivy’iyi si
Umuco 2
Couplet 1
Mpisemwo guheb’iv’iyi si, Kukw’ar’ ivy’igihe gito cane, Mbikiw’ Umunezero mwinshi, N’uko ndawubon’ agace gato.
Refrain
Ni kubw’uyu mubiri umbuza kwibonera, Umunezero mwinshi cane, Nzonezerwa mw’Ijuru.
Couplet 2
Numva mfis’amahoro menshi, N’ubwo kuba kw’isi bitoroshe, Ariko nakunzwe n’Umwami, Ni co gituma mfis’umunezero.
Refrain
Kukw’akazôzá kanje ar’Ukubaho neza, No kubana na Bene Data, Batanguy’iyi Nzira.
Couplet 3
Mbega mwene Data mukundwa, Wob’uz’ igihe turimw’uyu musi? (I)ki gihe ntucitiranye n’ibindi, Kukw’ Agakiza kari hafi cane.
Refrain
N’igihe c’Urugamba tuba maso bakundwa, Twim’ amas’ ibidusamaza, Ntitubur’ Agakiza.
Couplet 4
Nimurabe mwese bagenzi, Ibimenyetso vyinshi twabwiwe, Vyinshi n’ivyamaze gushika, Hasigay’ ibimenyetso bike.
Refrain
Har’ivy’Iman’ireka biba hagati yacu, Kugira ntihagire ico tuzokwireguza.
Couplet 5
Dukanguke cane bana b’Imana, Duhebe ivy’iyi si bisamaza, Tugir’ Urukundo mu mitima, Rwo gukund’ Iman’uko turi kwose.
Refrain
Dukunde bene Data ko dusangiye vyose, Dusangiye umubabaro, hamwe n’umunezero.
Couplet 6
Ko twateguriw’Ubwami bumwe, (U)Mwami Yes’Akaducungura twese, Tukaba turi mu Nzir’imwe gusa, N’iki codutuma ducanamwo?
Refrain
Ntaho vyodushikana, (Ku)kw’Iman’ Ar’Urukundo, Ntaho twoba duhuriye, (N’U)Mwam’ Imana Nzima.
Couplet 7
Ewe Mwami Mana Ihoraho, Wibuke kw’Ari Wewe Wadukunze, Ntaco twakoze ngo Tub’Abawe, Vyose vyavuye mu Kugomba kwawe.
Refrain
Nibibe uk’Ugomba, (I)co dushaka ni kimwe, N’urwo Rukundo rwawe Mwami, Kukw’Ari Wew’Ubwawe.