#635
Mwami uhoraho nogushima gute?
Umuco 2
Couplet 1
Mwam’Uhoraho nogushima gute? Ku bw’Urukundo rwinshi Wankunze, Umpishurira Ukuri kuzima, {Kudatahurwa n’umunyabwenge.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 2
Mbeg’ubwo Buntu burenz’ urugero, Wasutse mw’Ishengero ry’iki gihe, (Ivyo) Abahambaye babona kw’ar’ubupfu, {Vyatubereye Agakiza.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 3
Ibihe birushaho kuba bibi, N’ubwiyunge burakomeye cane, Ijoro na ryo rirakuze rwose, {Duhe guhang’ amaso mw’Ijuru.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 4
Inzira nayo n’iy’imbombane, Ku bw’ukwaga benshi barananirwa, Ariko ni ku bw’Abatoranijwe, {Ntsindira Data sinnanirwe.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 5
Ku bw’Urugamba rugiye gukamba, Kandi n’uru Rugendo ruruhije, Nshoboza ncish’ikirenge mu Cawe, {Nshik’i Siyoni ngororoka.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 6
None Muvyeyi Mwami Nyen’Ubuntu, Fash’Ishengero ryuzure Ijambo, N’umunyantege nke Umuhe gushikama, {Ntihabemwo n’uwukekeranya.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 7
Kuva mu bihe vya ba Daniyeli, yahanuye ku vy’umusi w’Umwami, Udashobora kuzoshika namba, {Kwa kurek’ Imana kutarabaho.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 8
Ehe raba ca Kizira c’Ubuyobe, cahishuriwe twebw’ab’iki gihe, cahishuriwe Umugeni wa Kristo, {(Du)shoboze Mwami twezwe n’Ijambo.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 9
Vyose ni ku bw’ukugwany’ Umugeni, Kw’Ijambo ryawe Ar’Ukuri kwamyeho, Rishika mu gihe Wagambiriye, {Kandi rigiye gushika vuba.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2
Couplet 10
Mbe mvuge nte ko mbona bindengeye, Ivy’Abahanuzi basasiriye, Bagasinzira batarabibona, {Bishik’ imbere y’amaso yanje.} x2
Refrain
{Mpa Kukwizera ndusheho kwizera, Kukw’ Agakiza kari ku Rugi.} x2