Indirimbo Zikundwa Open in the app

#633

Ewe man’isumba vyose

Umuco 2

Couplet 1

Ewe Man’Isumba vyose, N’Unkiz’uyu mubiri, Kuk’ushaka kunkoresha ivyaha vyinshi, Wewe nta caha Wakoze kuk’Ur’ Umunyakuri, Kandi Wakunda gusenga Usenger’ Abawe.

Refrain

Ubu je ndaririmba Intsinzi, Ko Yesu Yanesheje Satani, {Icubahiro nikibe, Icaw’ibihe vyose!} x2

Couplet 2

Iyo nshatse gukora ibigushimisha Mukiza, Nkashaka gukoranira mw’Ihanga ryawe; Satan’ azan’ imitego ngw’ambuze intumbero, Yo kugukorera Mwami, non’Umbabarire.

Refrain

Ubu je ndaririmba Intsinzi, Ko Yesu Yanesheje Satani, {Icubahiro nikibe, Icaw’ibihe vyose!} x2

Couplet 3

Ndagushima Mwami Yesu kuko Wanyiyeretse, igihe Wabona Satan’ angeramiye; Watumye Mpwemu w’Ukuri, Yaciye anyirura, Anshira mu Rugo rwawe, none Mana Shimwa!

Refrain

Ubu je ndaririmba Intsinzi, Ko Yesu Yanesheje Satani, {Icubahiro nikibe, Icaw’ibihe vyose!} x2

Couplet 4

None Mana y’Imbabazi ubu je ndakwinginze, Ufash’Ishengero ryaw’aho riri hose; Maz’Ubahe kwihangana, Ubahe n’ukwitanga, Kugira bagukorere Mwami bahimbawe.

Refrain

Ubu je ndaririmba Intsinzi, Ko Yesu Yanesheje Satani, {Icubahiro nikibe, Icaw’ibihe vyose!} x2