Indirimbo Zikundwa Open in the app

#632

Mwene data ndakwinginga

Umuco 2

Couplet 1

Mwene Data ndakwinginga, Menya k’ur’Inyambukira, Ntiwishing’uyu mubiri, Kuk’ udutandukanya n’Imana, Wibuke kw’ari wo mwansi dufise; Kenshi tuba kure y’Imana (kuko) Ibibi vyose muzi biva mur’uyu mubiri, hamwe n’akameremere twavukanye.

Couplet 2

Wagiriw’Ubuntu n’Umwami, (I)Mana yacu Yesu Kristo, Wakuwe mu buzimire, bw’ikuzimu bw’Umwansi Satani, Uvuga ngo Warabohowe ncuti; Raba yuko wabohokeye (yewe) Mu Mwami Yesu Kristo, Ni We Jambo ry’Ukuri, Hamwe n’Ubugingo budashira.

Couplet 3

Tube maso bene Data, Ku bw’Ubuntu twagiriwe, Tureke kubwanjanjwako, Kugira ntibudupfek’ubusa, Duh’agacir’ umubabaro; Hamwe n’uguca bugufi kw’Umwami (yewe) Kuko Yadupfiriy’ Akabambwa ku Musaraba, Hanyum’ Akaj’ikuzim’ Aduh’Agakiza.

Couplet 4

Nimwibaze bene Data, Raba ayo Maraso, Yasheshwe ku bwac’Abera, Ariko tuba bā sindabibazwa; Rab’Urukundo Yadukunze yemwe, Umwami wacu Yesu Kristo (kandi) Aheb’Icubahiro, Yambara umubiri, Aca no mur’iyi si y’umwiza.

Couplet 5

Tunezerererw’Urukundo, N’Ubuntu bwinshi cane, Twagiriwe na Yesu Kristo, Kuko yatumenye kuva kera; Tur’abahirwe bene Data, Yemwe kuko twabaye mur’iyi si (kandi) Tur’Abana b’Imana, Yaremy’isi n’ijuru, Tukaba turi musi y’Amaraso Yiwe.

Couplet 6

Ariko kandi bene Data, Tumenye neza yuko Ikimenyetso c’umugeni: Umukwe Azorab’ Ijambo Ryiwe, Ni co Kimenyetso gikuru yemwe, Azorabira ku Mugeni (Wiwe) Ni wa Mwambaro wera, Umwe Yari Yambitswe, Hamwe ku Musaraba i Gologota.

Couplet 7

Naho twokorer’Imana, Ijoro n’umurango, Tukayishingir’ intahe, Tudafise Umwambaro n’ubusa, Dusab’ Umwami Yesu Kristo yemwe, Atwambik’ Umwambaro wera (kuko) Ni ryo Jambo ry’Imana, Ridukiz’ umubiri, Maze tukab’Abana b’Imana vy’ukuri.