#628
Uwo gutabaza mbega yoba nde?
Umuco 2
Couplet 1
Uwo gutabaza mbega yoba nde? Atari Yes’Umwami, ni We twamenye, Ni We dutabaza kand’Akishura, Mu bihe bigoye biturengeye.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 2
Erega Mukiza twama twinginga, Kugir’ Utwemerer’ Udutsindire, ivyo wa Mwans’ adutega mu Rugendo, atubuza kwinjira Ahera hawe.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 3
Nshoboza Mwami Yesu mur’uru Rugamba, Ngwana n’ibishaka kukunkurako, Kand’ata wundi nizeye atari Wewe, Nyonger’ ukwihangana n’inkomezi.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 4
Nta kindi Mukiza jewe nishakira, N’uko wompebesha gukund’ ivy’isi, Ntambukish’ Uncisha hejuru y’ivy’isi, Maze undenganye ngusange Ah’Uri.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 5
N’umatanye nawe Mukiza wanje, Mb’umwe mu bagize ingingo zawe Kristo, Mb’umwe mu banditswe muri ca Gitabo, Undinde sinze ntsindwe n’Urubanza.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 6
Ehe raba Mwam’ imyak’ irarangiye, ibihe bishize si vyo bisigaye, Nkundira Mukiza ntungany’uyu mwanya, Ndushirize kwera nkuk’ Ur’Uwera.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 7
Yesu Warangiz’uwo kwankwa n’iyi si, Ungir’ umukunzi w’iyo mw’Ijuru, N’Umfat’ umutima wanj’ Uwibohere, Ntiwiger’ ukwegwa n’ivy’isi mbi.
Refrain
Nshitsa mu bwigobeko bwawe Mwami Yesu, Undenz’ Undenganye muvy’iyi si mbi, Nkomeze ndirimb’iyi Ntsinzi yawe, Hanyum’ Unshits’ ah’Uri nanje nduhuke.
Couplet 8
Ndazi ko nzokubona kuri wa musi, Uzohamagara Umugeni wawe, Ndagusanganire hariya mu bicu, Ndi kumwe n’Abera Abo Wacunguye.