Indirimbo Zikundwa Open in the app

#629

Mbega mvug’iki mucunguzi?

Umuco 2

Couplet 1

Mbega mvug’iki Mucunguzi, K’Urukundo rwawe rundengeye? Warankunze Mwami ntabizi, Warokoy’ Ubugingo bwanje.

Refrain

Ewe Yesu Mucunguzi, Ur’Imana y’Ubushobozi, Ewe Yesu Mucunguzi, Ek’ur’Imana Itaneshwa.

Couplet 2

Warihanganye Mwami Yesu, Kuko nd’umunyavyaha Mwami, Wikuy’ Icubahiro cawe, Kuko nd’umwana wawe Mwami.

Refrain

Urukundo rwawe Yesu, Ruratangaje cane rwose, Kubon’ Unkura mu Rupfu, Ukanshira mu biganza vyawe.

Couplet 3

Warangiriy’Ubuntu Yesu, Nari mu Bwami bwa Satani, Nari njakariye Bayari, Nkandamizw’ ijoro n’umurango.

Refrain

Arik’ubu Mwami Yesu, Negukiye kub’uwawe, Nzogukorer’ uk’Ushaka, Kugira ngo bikunde mbeho.

Couplet 4

Ubu rero Mukiza wanje, Ko negukiye kub’uwawe, Mpa kwibera mw’Ijambo ryawe, Niberemwo rimp’ Ubugingo.

Refrain

Ndaryambare hose Mwami, Ndaryambare imbere n’inyuma, Nkor’ ibitunganye rwose, Kubw’ Ukugororoka kwawe.

Couplet 5

Ewe Krist’ Ur’Imana Yera, Ntur’igishushanyo haba namba, Werekanye Ukuboko kwawe, Ko gufise Inkomezi nyinshi.

Refrain

Komeza Wiyerekane, Kw’ata yindi Mana yo gusengwa, Kw’Ari Wewe Waremye vyose, Izina ryawe ni Yesu Kristo.