Indirimbo Zikundwa Open in the app

#627

Twaratakamvye man’isumba vyose

Umuco 2

Couplet 1

Twaratakamvye Man’Isumba vyose, Ku bw’Urukundo rwawe Wadukunze, Wadukijije urupfu rwotwishe, Ubu Mwami Yesu turaririmba.

Refrain

Turirimbe Haleluya! Mu mitima yacu huzuy’ ishimwe.

Couplet 2

Duh’umwete Mana wo Kugusenga, Uduhe no gukoranira hamwe, Urabe n’abafis’ itiro ryinshi, Ubashoboze Yesu bakwizere.

Refrain

Turirimbe Haleluya! Mu mitima yacu huzuy’ ishimwe.

Couplet 3

Abagir’ubunebwe bwo gusenga, Maze bakabifata ibisanzwe, N’Ubereke yukw’ atar’ ibisanzwe, Ubabwire kw’ar’ Icagezwe cawe.

Refrain

Turirimbe Haleluya! Mu mitima yacu huzuy’ ishimwe.

Couplet 4

Har’ingabire nyinshi mw’Ishengero, Bamwe bahawe kuvug’ Ubutumwa, Abandi kugenda barahanura, Ubibutse yukw’ ar’Ijambo ryawe.

Refrain

Turirimbe Haleluya! Mu mitima yacu huzuy’ ishimwe.

Couplet 5

Har’abahamagawe kuririmba, Abandi gukor’ivyo mw’Ishengero, Abagomba kubifat’ ibisanzwe, Ubabwire kw’ar’ Icagezwe cawe.

Refrain

Turirimbe Haleluya! Mu mitima yacu huzuy’ ishimwe.

Couplet 6

Ubu tugusavy’utumar’ ubwoba, Tugukorere dufise umwete, Ni Wagaruk’ Usange twiteguye, Twambaye Mwami Ukugororoka.

Refrain

Turirimbe Haleluya! Mu mitima yacu huzuy’ ishimwe.