#623
Ni nasenga ngateba kwishurwa
Umuco 2
Couplet 1
Ni nasenga ngateba kwishurwa, Nzosaba Yesu kwihangana, Nzomenya neza kw’igihe canje, co kwishurwa kitarashika.
Refrain
(“Jewe”) {Nzihangana gushika kw’iherezo, Nzihangana gushika nishurwe, Nzihangana gushik’ Agarutse, Nzihangana, Nzihangana.} x2
Couplet 2
Ni nabon’ibintu bihindutse, Nzosaba Yesu Ukwihangana, Nzomenya kw’ar’ ivy’igihe gito, Kandi kw’isi igiye gushira.
Refrain
(“Jewe”) {Nzihangana gushika kw’iherezo, Nzihangana gushika nishurwe, Nzihangana gushik’ Agarutse, Nzihangana, Nzihangana.} x2
Couplet 3
N’aho Satani uzogerageza, Kunyerek’ ivyiza vy’iyi si, Nzokubwira nti: «Je ko namenye, Ivyiza birut’ivyo mw’isi».
Refrain
(“Jewe”) {Nzihangana gushika kw’iherezo, Nzihangana gushika nishurwe, Nzihangana gushik’ Agarutse, Nzihangana, Nzihangana.} x2
Couplet 4
Ewe Satani waratsinzw’ubu, N’aho wonteza intege nke, Ndazi kw’integuro y’Umukiza, Yama yiteguye gushika.