Indirimbo Zikundwa Open in the app

#624

Waduhay’ibihe vyiza

Umuco 2

Couplet 1

Waduhay’ibihe vyiza, Vyo gutazir’ Izina ryawe, Vyo gushemez’ Ubuntu bwawe, Mwami Yesu Shemagizwa, Mwami Yesu n’Uhimbazwe!

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 2

Wadukoze ku maso yacu, Uhumura Abana bawe, Ubu Mwami turakubona, Mwami Yesu Hezagirwa, Mwami Yesu n’Uhimbazwe!

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 3

Komeza Mana y’Imbabazi, Murikira Abana bawe, Abawe bose bakubone, Tuzogushimira Mukiza, Tugutazire Mana yacu!

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 4

Twarumvise Yes’Utubwira Uti: “Ngwino bakunzi banje, Ni mwebwe nyene Napfiriye, Mbatangir’ Amaraso yanje, Narishuye ya myenda yanyu”.

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 5

Tugushimye ku bw’Igikorwa, Wakoreye ku Musaraba, Ubu Mwami Waranesheje, Na twebwe tunesha ku Bwawe, Na Satani Waramutsinze.

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 6

Ni Wewe washinz’ akarimbi, Na Satan’ atazorengana, Amaraso Yesu Watanze, N’akarimbi kadashingurwa, Ni yo yeza Abawe twese.

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 7

Ni Wewe Bwirukiro bwacu, Ni Wewe Buhungiro bwacu, N’ukangur’ imitima yacu, Duh’inyota y’Ijambo ryawe, Mpwemu Yera abe mu bawe.

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 8

Ewe Yes’iy’Udaseruka, Twari twarajumarariwe, Abagushitse mu biganza, Nta Mwansi azohabakura, Na Satani naw’arabizi.

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 9

Ubu har’ikinezereza, N’ukw’ ivyaha vyanje vyogejwe, N’Amaraso ya Yesu Kristo, Ukurira vyarahavuye, Kwihebura vyararangiye.

Refrain

Ndagushimiye Mwami Yesu, Kuk’Ur’ Imana y’Imbabazi, Kuk’Ur’ Imana y’Inkomezi, Mwami Yesu Shimagizwa, Mwami Yesu Hezagirwa!

Couplet 10

Tugushimiy’Ubuntu bwawe, Turashimy’ Imbabazi zawe, Turashimy’ Urukundo rwawe, Turashimye Ubwiza bwawe, Turashimy’ Inkomezi zawe.