#599
Yesu Kristo, uri umwami
Umuco 2
Couplet 1
Yesu Kristo, ur’Umwami W’imitima y’Abizera; Vyose bigenda neza, Ku bubasha bwawe Mwami.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 2
Urufatiro Niwe Kristo, wiyubar’uko wubaka; Mwene Data wisuzume, ko wubatse ku Rufatiro.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 3
Kuko nta cabagerageje, kitar’ico kwihanganira; N’icobagerageza cose, Umwami Azokibakiza.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 4
Bene Data twizer’Ijambo, Kuko Jambo ar’Imana; Twibuk’ Ubuntu Yatugiriye, Akemera kuducungura.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 5
Ubu twitwa abana biwe, Kandi uko ni ko turi; N’aho Satani yosuriranya, Nta na kimwe yohindura.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 6
Kuko namba dukor’ ivyaha, Tumaze kumeny’ Ukuri; Ntakiba kigisigaye, Atar’ ugucirwakw’ iteka.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 7
Wibwira ngo ntuzohanwa, Ibirushirije cane; N’usiribang’ Umwana w’Imana, n’Amaraso yakwejeje.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 8
Yes’Atubwira ati: «Muze, Kw’isoko nziza y’Ubugingo,» Kuko nta rundi rufatiro, Atari Yesu w’i Nazareti.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 9
Uhorah’avuze hindukira, Mutekane muzokira; Mutekereze mwizere, Muzohabwa inkomezi.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 10
Nk’ukw’inyoni zizengerera, hejuru y’ivyari vyazo; Ni k’Uhoraho Nyen’Ingabo, Azorinda Abamwizera.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 11
Kora nk’uko Wadukoreye, Userukeko bene Data; Nabo babone kuva mw’ishayo, batawemwo na wa Mubi.
Refrain
Halleluya, muze mwese twubake; {Ku Rufatiro rukomeye cane.} x2
Couplet 12
Mwami Yesu tugushimiye, ko Wama Utwitwararika; Wadukuye habi Mukiza, N’Ushemezwe, n’Uhimbazwe!