#598
Ubu turi mu rugamba ruhambaye
Umuco 2
Couplet 1
Ubu turi mu Rugamba ruhambaye cane, Tugwanir’ Inzira y’Agakiza kacu. Satani yahagurukany’ ishavu ryinshi, ateg’ imiteg’ Abana bawe Mwami; {None Mwami duteguz’ Ijambo ryawe.} x2
Refrain
Emera tuyoborwe n’Ijambo, Ubu turi mur’iyi si tuyoborwe n’Ijambo. Kuko ni Ryo Rizodufasha mu Rugendo, Nk’uko vyamye kuri bene Data bose; {Abagiye batwitangir’ imbere.} x2
Couplet 2
Ubu turi mu Rugamba ruhambaye cane, Urugamba rutagwanwa n’umuntu. Uwurugwana akarutsinda yoba nde? N’uwugwanisha Ijambo ry’Uhoraho; {Akamenya kw’ari co kigwanishwa ciwe.} x2
Refrain
Emera tuyoborwe n’Ijambo, Ubu turi mur’iyi si tuyoborwe n’Ijambo. Kuko ni Ryo Rizodufasha mu Rugendo, Nk’uko vyamye kuri bene Data bose; {Abagiye batwitangir’ imbere.} x2
Couplet 3
Ubu turi mu Rugamba ruhambaye cane, Mwami dufashe uduhe kwihangana. Tube hafi Mwami Yesu Udutabare, Twoye gukwegana kandi n’ivy’iyi si; {Dutabaz’ Ijambo ryawe Ryo Rinesha.} x2
Refrain
Emera tuyoborwe n’Ijambo, Ubu turi mur’iyi si tuyoborwe n’Ijambo. Kuko ni Ryo Rizodufasha mu Rugendo, Nk’uko vyamye kuri bene Data bose; {Abagiye batwitangir’ imbere.} x2
Couplet 4
Nuko rero twic’ingingo zacu bene Data, Zoba zigikwegwa kandi n’ivy’iyi si. Kukw’ Umwam’ Adukebuz’ Ijambo ryiwe, At’usangwa twazuranywe nawe Mwami; {Turonder’ ibiri mw’Ijur’ iy’Ar’ahera.} x2
Refrain
Emera tuyoborwe n’Ijambo, Ubu turi mur’iyi si tuyoborwe n’Ijambo. Kuko ni Ryo Rizodufasha mu Rugendo, Nk’uko vyamye kuri bene Data bose; {Abagiye batwitangir’ imbere.} x2
Couplet 5
Paulo mu kunesha Ianeshesh’ Ijambo, Daniyeli nawe kwabay’uko nyene. N’abo bose bapfiriye mu Kwizera; {None Mwami dushoboze tube nka bo.} x2
Refrain
Emera tuyoborwe n’Ijambo, Ubu turi mur’iyi si tuyoborwe n’Ijambo. Kuko ni Ryo Rizodufasha mu Rugendo, Nk’uko vyamye kuri bene Data bose; {Abagiye batwitangir’ imbere.} x2
Couplet 6
Abo bose barangije Urugendo neza, Kuko barongorwa na Mpwemu w’Imana. None natwe dufis’ ivyizigiro, Kukw’ Umwami Adushoboza kuba nka bo; {Uko Yahoze, na n’ubu nikw’Akiri.} x2
Refrain
Emera tuyoborwe n’Ijambo, Ubu turi mur’iyi si tuyoborwe n’Ijambo. Kuko ni Ryo Rizodufasha mu Rugendo, Nk’uko vyamye kuri bene Data bose; {Abagiye batwitangir’ imbere.} x2
Couplet 7
Umwami Akorera Igikorwa ciwe, Ku W’Agomba kw’Akorera muri we, Kukw’ari Umwami Akor’ atari twebwe. Kaze Mwami Yesu, ngwin’ Udukoreshe; {Maze Wishimagirishe mw’Ihanga ryawe.} x2