#597
Habaye umuntu yarondeje amazimano
Umuco 2
Couplet 1
Habaye umuntu yarondeje amazimano, ngw’atahishe Ubukwe igihe kigeze; Abatumiwe mwinjire mutangure kurya, batangura kuzangazanga ntibinjira.
Refrain
{Abatumiwe Ubukwe banse kubwinjira, bwateguriw’ ibimuga n’abacumbagira; Bwateguriw’ impumyi hamwe, n’abagowe.} x2
Couplet 2
Uwamber’ati: «Naguze itongo ryanje, ngiye kuriraba, uramvugira antunge.» Uwundi ati: «Naguze inka zanje cumi, ngiye kuzirimisha, uramvugira antunge.»
Refrain
{Abatumiwe Ubukwe banse kubwinjira, bwateguriw’ ibimuga n’abacumbagira; Bwateguriw’ impumyi hamwe, n’abagowe.} x2
Couplet 3
Uwundi ati: «Narongoye nico kimbujije». Ndababwire yuko mur’abo batumiwe, ntaco baronse namba mur’ico kibanza; Cicawemwo n’impumyi n’abacumbagira.
Refrain
{Abatumiwe Ubukwe banse kubwinjira, bwateguriw’ ibimuga n’abacumbagira; Bwateguriw’ impumyi hamwe, n’abagowe.} x2
Couplet 4
Iki gihe natwe twatumiwe mu Bukwe, Ariko abantu benshi barirengagiza; Ntibamenya kw’igihe gihita cihuta, bizomera nk’uko vyar’igihe ca Nowa.
Refrain
{Abatumiwe Ubukwe banse kubwinjira, bwateguriw’ ibimuga n’abacumbagira; Bwateguriw’ impumyi hamwe, n’abagowe.} x2
Couplet 5
Natwe twahamagawe nk’abanyantege nke, Kugira umaramaze abiyit’abahizi; Bahora baribaza kw’ari bo b’imbere, bagiye gusanga bari inyuma ya bose.
Refrain
{Abatumiwe Ubukwe banse kubwinjira, bwateguriw’ ibimuga n’abacumbagira; Bwateguriw’ impumyi hamwe, n’abagowe.} x2
Couplet 6
Bene Data, bashiki banje, twitegure. Ni twe twatumiwe n’Umwami Yesu Kristo; Ntituzosangira umugabane n’indyarya, ni ho hazoba amarira no kuryan’amenyo.