#579
Mwami twariyumviye...
Umuco 2
Couplet 1
Mwami twariyumviye... N’amatwi yacu, Twarikorakoreye... N’intoke zacu, Kandi twariboneye... n’amaso yacu, Igikorwa wakoze... Mw’ishengero ryawe; {Wasohoy’ amahang’ ahambaye,
Couplet 2
Ubahaniy’ ivyaha bakora. Umparira ukutagond’ izosi, Ungerer’ico Gihugu ciza pe!} x2
Refrain
Narizeye Mwami... Ijambo Ryawe, Ryampay’Ubugingo.. N’igitangaza... Kiruta vyose. Nari mw’itiro rinini ry’Urupfu, Unkangurira ubu Bugingo. Nzi k’Umbabaye, reka ngusabe, Uheze wishure uku gusenga: Ni wab’Ubikunze... Nyongerereza, Imbuto Zawe... Zivuye mw’Ijambo; {N’uku kwubaha... Kuj’ahabona, Mwami naman’Intsinzi.} x2
Couplet 3
Si ku bw’Inkota yanje, oyaye Mwami, Si n’ukuboko kwanje, ntikwankijije. Ni ca Kiganza cawe... Cera c’Iburyo. Erega n’Ukuboko... Kwawe kwonyene gusa; {Ni wa Muco wo mu Nyonga hawe, ni rwa Rukundo rurengeye vyose, ni bwa Buntu butangaje cane, Washimye yuko bunserukako.} x2
Refrain
Narizeye Mwami... Ijambo Ryawe, Ryampay’Ubugingo.. N’igitangaza... Kiruta vyose. Nari mw’itiro rinini ry’Urupfu, Unkangurira ubu Bugingo. Nzi k’Umbabaye, reka ngusabe, Uheze wishure uku gusenga: Ni wab’Ubikunze... Nyongerereza, Imbuto Zawe... Zivuye mw’Ijambo; {N’uku kwubaha... Kuj’ahabona, Mwami naman’Intsinzi.} x2
Couplet 4
Ufis’ubushobozi... Busumba vyose, ntawoj’ imbere yawe... Ngo muhiganwe. Erega turafise... n’Isezerano, ng’Uzotwumva ku musi... W’amagorw’ ahebuje; {Ni twasabira mu Ngoro yawe, ni twatumber’i Yerusalemu, ni twatumbera mw’Ijambo ryawe, Tuzoronk’ico dusavye cose.} x2
Refrain
Narizeye Mwami... Ijambo Ryawe, Ryampay’Ubugingo.. N’igitangaza... Kiruta vyose. Nari mw’itiro rinini ry’Urupfu, Unkangurira ubu Bugingo. Nzi k’Umbabaye, reka ngusabe, Uheze wishure uku gusenga: Ni wab’Ubikunze... Nyongerereza, Imbuto Zawe... Zivuye mw’Ijambo; {N’uku kwubaha... Kuj’ahabona, Mwami naman’Intsinzi.} x2
Couplet 5
N’uz’utubere rero... Uburuhukiro, Ubuhungiro bwacu... Bw’ibihe vyose. Watubwiye gutonda... Urugamba gusa, Tukihagararira... Tukaronk’ Agakiza; {Tukigusenga n’Ukayangane, Ntubure kwumva Wabadits’ amatwi, Ntubure kubona yewe Mwami, Kand’ari Wewe Wabumvy’ amaso.} x2