#578
Kuba mw’isi witw’uwatoranijwe
Umuco 2
Couplet 1
Kuba mw’isi witw’ Uwatoranijwe, N’ivy’igiciro kinini. Ukitw’ Ingenzi y’Umwami mur’iyi si y’Umwiza, Ukabaho witeze kuzobana na We, Muri ca Gihugu i Siyoni mw’Ijuru.
Refrain
N’ishimwe rinini ku wameny’ Imana, agaca bugufi musi y’Ijambo tubwirwa, Rizomushikana ku Gakiza gashitse, kuko tugiye kubon’ Ivyasezeranywe.
Couplet 2
Mwene Data nawe watumiwe, Si ku bw’inkomezi zawe, Ni ku bw’Urukundo wari Wakunzwe n’Imana gusa, Ikaguha kwumva iri Jambo ry’Ukuri, Riguha kumenya Urukundo rw’Imana.
Refrain
N’ishimwe rinini ku wameny’ Imana, agaca bugufi musi y’Ijambo tubwirwa, Rizomushikana ku Gakiza gashitse, kuko tugiye kubon’ Ivyasezeranywe.
Couplet 3
Uwumvise iri Jambo ry’Ukuri, Ryamuhaye Agakiza. Nta bwenge bw’umuntu bwomuha kwizer’iri Jambo; Mpwemu w’Imana ni We agend’ Atwigisha, Kuko muri We hari Ubwenge bushitse.
Refrain
N’ishimwe rinini ku wameny’ Imana, agaca bugufi musi y’Ijambo tubwirwa, Rizomushikana ku Gakiza gashitse, kuko tugiye kubon’ Ivyasezeranywe.
Couplet 4
Twaravyawe n’Ijambo ry’Imana, Ubu ryaradukujije Umwe wese mu barezwe nary’Arafis’ Ishimwe Rikomeye ku Mana Yamwitwararitse Ikab’ Imufasha no kudug’ umusozi.
Refrain
N’ishimwe rinini ku wameny’ Imana, agaca bugufi musi y’Ijambo tubwirwa, Rizomushikana ku Gakiza gashitse, kuko tugiye kubon’ Ivyasezeranywe.
Couplet 5
Ntitukiri mu ntango y’Urugendo, Ruri hafi kurangira, Kukw’Ijambo twumva Riravyemez’ imitima yacu; Ngo twame twiteguye twambay’ Impuzu Zera, Kuk’Umukw’ari hafi gutwar’ Umugeni.
Refrain
N’ishimwe rinini ku wameny’ Imana, agaca bugufi musi y’Ijambo tubwirwa, Rizomushikana ku Gakiza gashitse, kuko tugiye kubon’ Ivyasezeranywe.
Couplet 6
Urugamba rurakomeye cane, Mana, twambik’ Inkomezi, Uduhe n’Ibigwanishwa vyo mu buryo bwa Mpwemu; Uduhe no kugwana turemy’ imitima, Kukw’ Intsinzi Yatangiwe i Gologota.