#577
Mu gihe ca mbere...
Umuco 2
Couplet 1
Mu gihe ca mber’ah’ umuntu yaremwa, Yaremwe mw’Ishusho y’Uhoraho. Umunt’ amaze guhendwa na Satani, ava mu Bwiza bw’Uhoraho; Yesu Yakoz’ Igikorwa gikomeye, Igikorwa kitar’ic’ umuntu, Kirets’Imana Yonyen’ Ubwayo gusa, Igikorwa co Gucungura.
Refrain
Twebw’Abacunguwe n’Uhoraho, Dushir’ amajwi hejuru tuvuge; {Tut’ “Iyo Yes’Atemera gupfa, twese twari gupfa Rubi”.} x2
Couplet 2
Ijambo ry’Imana ryaravuga riti: “Ni warya kur’ico git’uzopfa”. Umuntu rero yategerezwa gupfa, Kirets’ arons’ Umucunguzi; Imana Yicishije bugufi cane, Isig’Icubahiro mw’Ijuru, Yambar’ umubiri w’Umwana w’umuntu, Iremera Kuducungura.
Refrain
Twebw’Abacunguwe n’Uhoraho, Dushir’ amajwi hejuru tuvuge; {Tut’ “Iyo Yes’Atemera gupfa, twese twari gupfa Rubi”.} x2
Couplet 3
Yes’Amaze gupfa vyatumye tubaho, Aduga mw’Ijuru Yavuz’ati: “Ndabasigaranye Amahoro Yanje, Ntimuhagarik’ imitima”. Yaraduhaye n’Isezerano ryiza, yukw’ Azogaruka kutujana; Ubu turiho turindiriye gusa, yuko vuba Tuzomubona.
Refrain
Twebw’Abacunguwe n’Uhoraho, Dushir’ amajwi hejuru tuvuge; {Tut’ “Iyo Yes’Atemera gupfa, twese twari gupfa Rubi”.} x2
Couplet 4
Mu kurindira Ukugaruka Kwiwe, Yavuz’ati: “Mugume mw’Ijambo, umunezer’ amahoro n’urukundo, Ni biganz’ imitima yanyu”. Ubu dutegereje gutah’ Ubukwe, bw’Umwagazi w’Intama w’Imana, kuko twacunguwe n’Amaraso Yiwe, vuba Tuzobwinjiramwo.
Refrain
Twebw’Abatumiwe n’Umukiza, Birakwiriye ko twama tugavye; {Kuk’ubu nta gihe gisigaye, Yes’Akaza Kutujana.} x2