#576
Ku bwa mpwemu w’imana
Umuco 2
Couplet 1
Ku bwa Mpwemu w’Imana, Ishengero rigenda rirongorwa n’Ijambo ry’Imana, Mu bwenge budashobora guseswa habe namba... N’abana b’abantu, Ariko Mpwemu Yera, We asesa vyose; Ico n’icubahiro c’Umwami mu bo yakunze.
Couplet 2
Ntitwahawe Mpwemu Yera, Ngo dusubire kuganzwa na vya vyipfuzo vy’uyu mubiri vya ca gihe ca kera. Twari tujakariye... Iyi si n’ivyayo, Tugakor’ ibitabereye imbere y’Imana, Kubw’ Ubuntu bwayo, We Yaraduhamagaye.
Couplet 3
Ntitwahawe Mpwemu Yera, Ngo dusubire kugenda uko abanyamahanga bagenda. Intakebwa mu mitima, N’aho boba basenga... Arik’ugasanga ar’abana b’abantu, barongorwa n’akamere k’imibiri yabo, Imana batayimenye.
Couplet 4
Ntitwahawe Mpwemu Yera, Ngo dusubire kubamba Umukiza ubugira kabiri, Ngo dusubire kugenda twangazwa na ya myuka... Mibi yo mur’iyi si, nk’uko vyari bimeze tukijakariy’ ukwipfuza kw’iyi mibiri, kuko twaganzwa n’urupfu.
Couplet 5
N’uko rero bagenzi, Uwo Mpwemu twahawe n’ukugira ngo twizere Ukuri, Kandi Ukwizera kwacu, guhagarare koko... Mu bwenge bw’Imana Mu bushobozi bwo kuzobona Umwami wacu, Wa Musi ni washika, w’Igitondo c’Ubugingo.
Couplet 6
Twahawe Mpwemu Yera, Tugende dutunganye, turongorwa n’Ubwenge bw’Imana, bwari bwaragizw’ Ibanga. Ubw’Imana Yagabiye... Kuzob’ icubahiro C’abazogenda bayumvira mu buzima bwabo, ngo bubamurikire mu Mwiza wo mur’iyi si.
Couplet 7
Mpwemu ni We aduha, Kubona nez’iyo Satani aje yiyorobeka mw’Ijambo, yigir’ Umumarayika, Marayika w’Umuco... Kugira atuzimize; Dushobozwa na Mpwemu kumubona hakiri kare, bikaduha Kunesha, tukamana Intsinzi.
Couplet 8
Uwo Mpwemu w’Imana ni We twahawe, ni Mwiza, twamuronse kubw’Ubuntu gusa, Uyo ni W’atuyobora, Agend’ Adusabira... Ku Man’Ihoraho; Ataka muri twebwe, Avug’ati: “Abba Data” Urwo ni rwa Rukundo rw’Umwami mu Bura bwayo.
Couplet 9
Kubwa Mpwemu w’Imana, Ishengero rizova mur’iyi si Risiz’Intahe Nzima: Non’ehe raba Rigeze, hejuru ku Musozi... Nta n’umwe azovuga kw’atigez’ arimenya na gato ngo aryumve, kuko risemerera yuk’Umwami Agarutse.
Couplet 10
Shengero ry’Umukiza, Mbega s’igitangaza iy’ubona Warakunzwe n’Umwami Yagiy’ Akugwanirira, Arakuneshereza... Intambara nyinshi? Ahejeje Akwitirira Izina Ryiwe, Kuk’ur’ Icubahiro... Cubahiro c’Imana.