#575
Nzokwama ntazir’imana
Umuco 2
Couplet 1
Nzokwama ntazir’ Imana mw’Ikoraniro ry’Abera, Kuk’Uhoraho Imana y’Aburahamu Yamberey’ Umutabazi; {Imana ya Yakobo ni yo Yanserutseko nkiboshwe n’imigozi ya wa Mubi.} x2
Refrain
Yemwe mwes’ abamenywe na We kera, Nimuririmbe kukw’ Imana yacu, n’Inyenkomezi. Yabereye impfuvyi Umuvyeyi, Eka n’abapfakazi ntiyigera namba ibibagira; {Nimuyizere kuko n’Iyo kwizigirwa.} x2
Couplet 2
Nzokwama niteze kwumva ic’Uhoraho Ambwira, kuk’ubuzima bwo mw’iyi si, utaz’Imana, butagira agaciro; {Aho ni ho umunyabwenge ashobora guseruka, Kuko kubaho kw’isi n’ivy’igihe gito.} x2
Refrain
Yemwe mwes’ abamenywe na We kera, Nimuririmbe kukw’ Imana yacu, n’Inyenkomezi. Yabereye impfuvyi Umuvyeyi, Eka n’abapfakazi ntiyigera namba ibibagira; {Nimuyizere kuko n’Iyo kwizigirwa.} x2
Couplet 3
Ivyago navyo vyateye, nabonye umunyakibi yizigira gusa inkomezi ziwe zonyene, nazo ntizamukijije; {Ukuboko kw’Uhoraho ntikwabaye kugufi, Ku Mugororotsi Wayo ngo kumukize.} x2
Refrain
Yemwe mwes’ abamenywe na We kera, Nimuririmbe kukw’ Imana yacu, n’Inyenkomezi. Yabereye impfuvyi Umuvyeyi, Eka n’abapfakazi ntiyigera namba ibibagira; {Nimuyizere kuko n’Iyo kwizigirwa.} x2
Couplet 4
Ivyago ni vyaba vyinshi bikongera bikisuka, Abizigiye Uhoraho Imana yabo bazoba amahoro; {Uwuragir’ Isirayeli ni We Azobarinda, Kuko Imana n’Itunga ry’Abayizera.} x2
Refrain
Yemwe mwes’ abamenywe na We kera, Nimuririmbe kukw’ Imana yacu, n’Inyenkomezi. Yabereye impfuvyi Umuvyeyi, Eka n’abapfakazi ntiyigera namba ibibagira; {Nimuyizere kuko n’Iyo kwizigirwa.} x2
Couplet 5
Kwizigira Uhoraho bizanana n’Ubugingo, Nabisanzemwo ubwenge, mbere bizana umugisha n’amahoro; {Gerageza murabe yuko atar’ ivy’ukuri, Kw’Imana atar’inyishu n’Agakiza.} x2