Indirimbo Zikundwa Open in the app

#573

Uwo mpwemu yera ni yaza

Umuco 2

Couplet 1

Uwo Mpwemu Yera ni yaza, Muzomenya nez’uwo Ndi We. Jewe na Data ko tur’umwe, Ni k’Umwami Yesu yavuze; {Hasigay’ igihe gito cane, Maze ntimube mukimbona, Kandi hazoc’ ikindi gihe, Dusubire kubonana.} x2

Couplet 2

Uwo Mpwemu Yera ni yaza, Azokura ku vyanje vyose, Ahez’ abibashikirize. Umunezero wanyu wuzure, {Umuvyeyi iyo aramutswe, agir’ imibabaro myinshi, Arikw’iy’ umwan’ abonetse, umubabar’ ucik’agakiza.} x2

Couplet 3

Uwo Mpwemu ni We Muhoza, Azobafash’ imisi yose. Ni na We kand’ Abasengera, N’iminiho myinshi itovugwa; {Azobuzuz’ Ubushobozi, Abakoresh’ ibimenyetso, Abamenyesh’ ibigira bibe, Kugira mumeny’ Ukuza kwiwe.} x2

Couplet 4

Mpwemu ni We Mpan’ ikomeye, Igab’iziri mw’Ishengero. Vyose bikomoka kuri We, Abitang’uko yishakiye; {Ni We Mazi y’Ubugingo, Uwamunyoyeko wese, yuzur’ ubuntu n’urukundo, ubugwaneza n’amahoro.} x2

Couplet 5

Uwo Mpwemu twaramumenye, Afis’ibara rimwe gusa. Ni We Mana Nzim’Ihoraho, Izina ryiwe n’Igitangaza; {Asa n’Ijambo rihishuwe, Aruta zahab’ ivugutiwe. Ni mwiza cane bihebuje, Ni We tunga ry’abamwizeye.} x2

Couplet 6

Uwo Mpwemu ni We Mwungere, Ayobor’abana b’Imana. Ni na We yerek’Ishengero, ahar’ ubwatsi butotahaye; {Ni W’aganz’ abashumba biwe, Aberek’ ibibereye vyose, bakigiza kur’amabingira, aje guter’ Intama z’Imana.} x2

Couplet 7

Uwo Mpwemu twaramuhawe, nk’ingwati y’Agakiza kacu. Uwo n’Icemezo c’Ukuri, C’uk’Umwami wac’Azogaruka; {Kuturag’ Ivyasezeranywe, Twinjire mu Bwami bw’Imana, Ubwo Yari Yasezeraniye, Twes’ Abamenywe na We kera.} x2