Indirimbo Zikundwa Open in the app

#571

Umwami wacu aragahezagirwa!

Umuco 2

Couplet 1

Umwami wacu Aragahezagirwa cane, Yaduhezagiy’ Imihezagiro myinshi, Y’ahantu hera ho mw’Ijuru ku Mana. Aho twicaye muri Kristo Yesu; {Yadusangij’ Umugabane n’Abera, Tumaze gucika tuva mur’iyi si mbi, Adukura mu Bwami bw’Umwiza, Adushira mu Bwami bw’Umwana Wiwe.} x2

Couplet 2

Umwami Yesu Aragahezagirwa cane, indimi zose zo mw’isi zature yuko, Yesu Kristo ari We Man’Ihoraho. Kugira ngo Data wa twes’Ahimbazwe; {Uwo Yamanuts’ Avuye ku Mana, Afis’ishusho nk’Umwana w’ikinege, Yambay’ Ubwiza bwa Se n’Inkomezi, Yamamaz’ Ukubohorwa kw’abari mw’isi.} x2

Couplet 3

Ni We Mutwe w’Ishengero ry’Abana b’Imana, Ingingo zose zigaburirwa na We, Vyose bigakuzanya bikuzuzanya. Imana nay’Igahabw’ Icubahiro; {Nta vy’umuntu vyongera kugaragara, kuko Mpwem’akora nkuko yabigabiye, Akuzuz’ Ubwiza Abana b’Imana, Bagashikir’ ishusho y’Uwabacunguye.} x2

Couplet 4

Uwera n’Imana Data wo mw’Ijuru, Yagabiye kuva kera kuducungura, Akoraniriz’ ibiri mw’Ijuru no mw’isi. Kub’Umwandu w’Umwami Yesu Kristo; {Muri We natwe tumaze kwumv’ Ijambo ry’Ukuri ry’Ubutumwa bw’Agakiza kacu, Twahaw’ Ikimenyetso ca Mpwemu Yera, Ari yo ngwati yo kudushitsa mw’Ijuru.} x2

Couplet 5

None rer’Imana yac’ibahe gutahura, Mwuguruk’ amaso y’imitima yanyu, Mumenye nez’ivyo mwijigijwe n’Umwami. Mwuzur’ ugutahura n’ubwenge bwose; {Hahiriw’ ǔzomeny’ Itunga ry’Ubwiza, Agashikir’ Ishusho y’Umwana w’Imana, Akuzur’ Ubushobozi bwo kuzuka, Azob’ Umuraganwa na Yesu Kristo.} x2