#559
Ubu turi mu bihe vyiza cane
Umuco 2
Couplet 1
Ubu turi mu bihe vyiza cane, Aho Yes’Ashits’ Amasezerano, Ivyo Yasezeranye kuva kera, Tubibona bishik’ imbere yacu, {Mu gushits’ Amasezerano Yiwe, Abikora Yihuta cane rwose, Kukw’ Izamurwa ryegereje cane, Ibihe vyaheze nta gisigaye.} x2
Couplet 2
Yes’atanguza igikorwa ciwe, Isi yahagurutse kukigwanya, Benshi barananirwa kwihangana, Barananirwa basubir’ inyuma {Kukw’ ibihe vyari bitarahera, Yesu Yabagiriye ikigongwe, {Inzamba ya Yubile iravuga, Barihana baharirwa ivyaha.} x2
Couplet 3
Dutegerej’ibihe bitoroshe, Ah’is’izosubira kutugwanya, Nka kwa kundi yatugwanya mu ntango, Wiyubare ntuz’ udendebukirwe, {Nta na kimwe kizoba gisigaye, kiretse Kugaruka kw’Umukiza, Ukwihana nta bwo bizoshoboka, Kukw’ibihe bizoba vyarangiye.} x2
Couplet 4
Inyuma y’ivyo bihe bitoroshe, Yes’Azoc’Aza kujan’ Umugeni, Mw’Ijuru kuruhuk’ imibabaro. Mbega mugenzi wanj’ uzob’ urimwo? {Ubu turi mu gihe ciza cane, Co kugaburirw’ Ijambo ry’Imana, Ariko mu gihe gito tutazi, Yes’Azoc’Ava ku Ntebe y’Ubuntu.} x2
Couplet 5
Iki n’igihe c’Ubuntu bw’Imana, Yes’Aracari ku Ntebe y’Ubuntu, Ubutumwa bw’Ubwami buravugwa; Abihana bagaharirw’ ivyaha, {Ariko mu gihe gito tutazi, Yes’Azoja ku Ntebe y’Urubanza. Muze twitungany’ umwany’ ukiriho, Ejo har’aho bitazoshoboka.} x2