Indirimbo Zikundwa Open in the app

#560

Bene data mwitegereze(2)

Umuco 2

Couplet 1

Bene Data mwitegereze, Iman’ Itangur’ Igikorwa, Yagitanguj’ Ubushobozi, n’Amasezerano menshi; Yose Yarayasohoje imbere y’amaso yacu, {No mu kugiheraheza, Ni mu Bushobozi Bwayo.} x2

Refrain

{Uwunesh’ azoshikayo, Kand’ azaman’ amahoro, n’Isezerano ry’Umwami, Kand’ijisho ryose rizomwibonera.} x2

Couplet 2

Eh’igihe kiregereje, Ah’inzamba y’Uhoraho, N’Umumarayika w’Imana, azosemerera mu bicu, Aho rero ntihazoba hakir’ ukwigish’ ukundi; {Abazoba biteguye, nibo Bazomusanganira.} x2

Refrain

{Uwunesh’ azoshikayo, Kand’ azaman’ amahoro, n’Isezerano ry’Umwami, Kand’ijisho ryose rizomwibonera.} x2

Couplet 3

Turimirije kwinjira, Mu gikorane c’Imana, Ah’amoko n’amahanga, Azokoranira muri co, Aho rero ntihazoba hakir’ ukurir’ ukundi; {Kand’ abazokwinjirayo, N’abejejw’ imitima yabo.} x2

Refrain

{Uwunesh’ azoshikayo, Kand’ azaman’ amahoro, n’Isezerano ry’Umwami, Kand’ijisho ryose rizomwibonera.} x2

Couplet 4

Turimirije kubona, Umwami Yesu mu maso, Aho Tuzokwicarana ku Meza yiwe mw’Ijuru, Aho rero ntihazoba hakir’ ugutandukana; {Maz’Abazobana na We, Bazokwama banezerewe.} x2

Refrain

{Uwunesh’ azoshikayo, Kand’ azaman’ amahoro, n’Isezerano ry’Umwami, Kand’ijisho ryose rizomwibonera.} x2

Couplet 5

Non’igihe kirashitse, Co gutah’ Ubukwe bw’Imana, Twambar’ Impuzu z’Ubukwe, zitunganijwe vy’ukuri, Kuk’Uwutejejwe rwose, atazobon’ Umukiza; {Umunyabwenge niyumve Ico Mpwemu Yam’asemerera.} x2

Refrain

{Uwunesh’ azoshikayo, Kand’ azaman’ amahoro, n’Isezerano ry’Umwami, Kand’ijisho ryose rizomwibonera.} x2

Couplet 6

Nkuko Nowa yasemerera, Kw’Iman’igiye guhana, At’«Umwuzur’ uzobamara» Ni mutava mu vyaha vyanyu, Igihe kigeze bigashika, Abavyemeye bagakira; {Ni ko natwe bizodukiza, Ni twumvir’ abakozi bayo.} x2

Refrain

{Uwunesh’ azoshikayo, Kand’ azaman’ amahoro, n’Isezerano ry’Umwami, Kand’ijisho ryose rizomwibonera.} x2