#557
Iki gikorwa mubona
Umuco 2
Couplet 1
Iki Gikorwa mubona, Catangujwe na Yesu ku Musaraba, Aho Yaza ngaha mw’isi Kutubambirwa, Ngo tuze tub’abamushingir’ intahe.
Refrain
Nind’azumv’inzambay’ Uhorah’ Imana? N’uwizey’ Ukuri kukamweza de, Amaraso ya Yes’Akamutunganya, Akamugir’ uwera kukw’ azojanwa ahera.
Couplet 2
None Mana Udufashe... Tugaragaz’ intahe Yawe vy’ukuri, Tugende twer’ Imbuto ziguhimbara, Isi yose yemeze ko tur’abawe.
Refrain
Nind’azumv’inzambay’ Uhorah’ Imana? N’uwizey’ Ukuri kukamweza de, Amaraso ya Yes’Akamutunganya, Akamugir’ uwera kukw’ azojanwa ahera.
Couplet 3
Turafise bene Data... Imana Yatangurishij’ Igikorwa, Yabagiz’ Intumwa Ibuzuz’ Ijambo, Nk’uko Yatumy’ Intumwa zayo za mbere.
Refrain
Nind’azumv’inzambay’ Uhorah’ Imana? N’uwizey’ Ukuri kukamweza de, Amaraso ya Yes’Akamutunganya, Akamugir’ uwera kukw’ azojanwa ahera.
Couplet 4
Barakor’ico gikorwa... Barongowe na Mpwemu kubw’ Umukiza, Bakamurikisha Ijambo ry’Imana, imitima y’Abera ikaremeshwa.
Refrain
Nind’azumv’inzambay’ Uhorah’ Imana? N’uwizey’ Ukuri kukamweza de, Amaraso ya Yes’Akamutunganya, Akamugir’ uwera kukw’ azojanwa ahera.
Couplet 5
Non’Inzamba y’Uhoraho... Igiye kuvuga yemwe bene Data, Izokwumv’ abagendana n’ijwi ry’Imana, Barongorwa na Mpwem’ ijor’umurango.
Refrain
Nind’azumv’inzambay’ Uhorah’ Imana? N’uwizey’ Ukuri kukamweza de, Amaraso ya Yes’Akamutunganya, Akamugir’ uwera kukw’ azojanwa ahera.
Couplet 6
Kandi raba n’Umugeni... Agiye kubana n’Umukunzi wiwe, Yakow’ Amaraso y’Iman’ Ihoraho; Impera n’Ubugingo butazoshira.
Refrain
Nind’azumv’inzambay’ Uhorah’ Imana? N’uwizey’ Ukuri kukamweza de, Amaraso ya Yes’Akamutunganya, Akamugir’ uwera kukw’ azojanwa ahera.
Couplet 7
None Mwami utwemerere... Iyi mitima yac’igutunganire, ikuber’ amashikanw’ agushimisha; Umwe wese abe mu kibanza ciwe.