#548
Imburi y’imana
Umuco 2
Couplet 1
Imburi y’Imana Irasemerera, Abafise amatwi barayumva, {Iti: “Mugen’ ikangure witegure, Umukwe nguy’Araj’ Ageze ku rugi.} x2
Refrain
Numv’imburi y’Uhorah’Imana, Isemerera iti: “Niwitegure, {Kuk’ugutaha kw’Umugeni wa Yesu kuregereje, Bakristo twitegure”.} x2
Couplet 2
Numv’imburi y’Uhorah’Imana, Ivug’iti: “Jabuka Yorodani. {Mu gihe gito kandi gito cane, Yorodani rugiye guterana”.} x2
Refrain
Numv’imburi y’Uhorah’Imana, Isemerera iti: “Niwitegure, {Kuk’ugutaha kw’Umugeni wa Yesu kuregereje, Bakristo twitegure”.} x2
Couplet 3
Iki n’igihe ciza ku bizera ku batizera n’igihe kigoye, {Ikinyenyeri kigiye guseruka, ku batizera naho bugiye kwira.} x2
Refrain
Numv’imburi y’Uhorah’Imana, Isemerera iti: “Niwitegure, {Kuk’ugutaha kw’Umugeni wa Yesu kuregereje, Bakristo twitegure”.} x2
Couplet 4
Nowa yabwiwe ngo yubak’ ubwato Abamubona bose bakamutwenga, {Ariko wewe yumv’ imburi y’Imana, Imubwira ko hazobah’ umwuzure.} x2
Refrain
Numv’imburi y’Uhorah’Imana, Isemerera iti: “Niwitegure, {Kuk’ugutaha kw’Umugeni wa Yesu kuregereje, Bakristo twitegure”.} x2
Couplet 5
Bene Data muze twitegure, Nitwiyeze iyi ntambw’ irakomeye,
Couplet 6
{Nitwizere k’ uwatanguy’ Urugamba, Ari We nyene azoruheraheza.} x2
Refrain
Numv’imburi y’Uhorah’Imana, Isemerera iti: “Niwitegure, {Kuk’ugutaha kw’Umugeni wa Yesu kuregereje, Bakristo twitegure”.} x2
Couplet 7
Ehe wa musi w’Uhorah’ Imana, Uhambaye kandi utey’ubwoba, {Uwo Malaki yari yarahanuye kuva kera, none nguy’uraje.} x2