Indirimbo Zikundwa Open in the app

#542

Enda nimuze yemwe twitegure

Umuco 2

Couplet 1

Enda nimuze yemwe twitegure, Nik’Uhoraho We Agize, Nah’ivyaha vyanyu vyotukura, Bizokwera nk’intama y’umweru.

Refrain

Shengero ry’Imana nitunezerwe! Turirimbe Haleluya Mana! Intsinzi y’abera yarabonetse, Yesu Yanesheje Satani.

Couplet 2

Yesu yaritanze ku musaraba, Aber’intsinzi abizeye, Ahatsindiy’ikirego ca Satani, N’urupfu na rw’ararunesha.

Refrain

Shengero ry’Imana nitunezerwe! Turirimbe Haleluya Mana! Intsinzi y’abera yarabonetse, Yesu Yanesheje Satani.

Couplet 3

Satan’ariyorobeka mu vy’isi, Tukabibona kw’ari vyiza, Yamara twagira tubishikire, Bikatuyongera mu maso.

Refrain

Shengero ry’Imana nitunezerwe! Turirimbe Haleluya Mana! Intsinzi y’abera yarabonetse, Yesu Yanesheje Satani.

Couplet 4

Mu madin’urasang’ abantu benshi Bahindur’ imibiri yabo,

Couplet 5

Bakironderer’ ayandi mashusho, Ngo n’igihe c’amajambere.

Refrain

Shengero ry’Imana nitunezerwe! Turirimbe Haleluya Mana! Intsinzi y’abera yarabonetse, Yesu Yanesheje Satani.

Couplet 6

Muririnde rero bana b’Ubwami, Ntimugende nk’abazimiye, Kukw’ ibiyovy’ abantu ari vyinshi, Saba Yesu abihishure.

Refrain

Shengero ry’Imana nitunezerwe! Turirimbe Haleluya Mana! Intsinzi y’abera yarabonetse, Yesu Yanesheje Satani.

Couplet 7

Erega yemw’igihe kiraheze, Abantu baretse gusenga, Abandi baretse gushing’ intahe, Bakurikiy’ umugwanizi.