#541
Ni nde mfise mw’ijuru?
Umuco 2
Couplet 1
Ni nde mfise mw’Ijuru atari, Wewe Mana yanje? Kandi mw’isi ntawe ngomba, Atari Wewe Mana yanje; {Ni Wewe wahindutse umugabane wanje... Ibihe vyose.} x2
Couplet 2
Ni We Mana wamenye- kanishij’ Inkomezi zawe, Wacunguj’ abantu bawe, Ukuboko kwawe kw’iburyo; {Ni bo ruvyaro rwa Yakobo, be na Yosefu... Abisirayeli.} x2
Couplet 3
Amazi yo mu kiyaga yarakubony’ aratinya, Ibwina hahind’ agashitsi, Ubwoko bwawe burakira; {Buronk’ Inzira yumutse hagati mu mazi... ku bwawe Mana.} x2
Couplet 4
Yacunguy’ Ubugingo bwanje ngo bube mu mahoro, Yankijij’ Urupfu rwonyishe, Yemera kwitanga ku bwanje; {Ku Mana nih’agakiza kanje kandurutse... niho honyene.} x2
Couplet 5
Natumbereye Uhoraho ari ahera hiwe Ngo ndab’ubushobozi bwiwe, N’ubwiza bwiwe bwinshi cane; {Na We ntiyatevye kunyiyereka nk’Imana... Nca ndamubona.} x2
Couplet 6
Imana n’Ihimbazwe kw’Itanse ugusenga kwanje! Ntiyankuyeko Imbabazi, n’Ubuntu bwayo bwangumyeko, {Nzoyishimira ndi hagati mu bera bayo... Ibinshoboje.} x2