Indirimbo Zikundwa Open in the app

#540

Bihe vy’imana, bihe vyiza cane

Umuco 2

Couplet 1

Bihe vy’Imana, bihe vyiza cane, Bihe vy’Ishengero rya nyuma ry’abanyamahanga Bihe vy’izamurwa biregereje, Ukugaruka kw’Umwami kuri hafi.

Refrain

Itegure... We Mugeni! Uri hafi... Kuzamurwa, {Nta buntu... Buzoba... Bukivugwa... Mur’iyi si.} x2

Couplet 2

Imana Yarahamagay’ Abana bayo, Kuko Yari Yarabatoranije kuva kera, Ico gihe kizwi n’Imana yonyene, Nta muntu n’umwe yokimeny’ Atar’Imana.

Refrain

Itegure... We Mugeni! Uri hafi... Kuzamurwa, {Nta buntu... Buzoba... Bukivugwa... Mur’iyi si.} x2

Couplet 3

Abo Yahamagaye Yarabatsindiye, Ni co gituma Umwami Yesu yaje kw’isi, Kugira ngw’abana b’Imana bashobore, Gusubira muri kwa kugomba kw’Imana.

Refrain

Itegure... We Mugeni! Uri hafi... Kuzamurwa, {Nta buntu... Buzoba... Bukivugwa... Mur’iyi si.} x2

Couplet 4

Biratangaje kubon’ Iman Ikora, Ihaguruts’ Abana bayo bakavug’ Ubutumwa, Abaririmvyi na bo bakaririmba, Bigatum’ Abera bashikama mu Kuri.

Refrain

Itegure... We Mugeni! Uri hafi... Kuzamurwa, {Nta buntu... Buzoba... Bukivugwa... Mur’iyi si.} x2

Couplet 5

Igihe kirakuze yemwe bene Data, Ivyo vyaravuzwe yemwe Shengero, ry’Umukiza, Dutandukane n’ibisanzwe, twitegure Umwami wacu Yes’Araje kudutora.

Refrain

Itegure... We Mugeni! Uri hafi... Kuzamurwa, {Nta buntu... Buzoba... Bukivugwa... Mur’iyi si.} x2

Couplet 6

Bene Data basinziriye bazozuka, Batwiyereke batubwira n’inkuru z’Ubwami, Batubwira yukw’igihe co gutahuka, Kigeze dusanganir’ Umwami mu bicu.

Refrain

Itegure... We Mugeni! Uri hafi... Kuzamurwa, {Nta buntu... Buzoba... Bukivugwa... Mur’iyi si.} x2