Indirimbo Zikundwa Open in the app

#539

Nk’uko eliya yemangiy’umwami

Umuco 2

Couplet 1

Nkuko Eliya yemangiy’ Umwam’ Uhoraho, Daniyeli nawe nyene nuko nguko, Ba Petero nabo nyene imbere y’isinzi ry’abantu, {Iki gihe naco n’icawe ewe Mugeni.} x2

Refrain

Izer’Ijambo Mugeni, Tamir’Ijambo Mugeni, Ambar’Ijambo Mugeni, Gendera mw’Ijambo Mugeni, {Ehe...ugira uje ahabona.} x2

Couplet 2

Wibuke Eliya ku musozi Karumeli, Abedi Neg’imbere y’itanure ry’umuriro, Tutibagiye Yohana imbere y’umwe Herode, {Iki gihe n’icaw’imbere y’abasenga bose.} x2

Refrain

Izer’Ijambo Mugeni, Tamir’Ijambo Mugeni, Ambar’Ijambo Mugeni, Gendera mw’Ijambo Mugeni, {Ehe...ugira uje ahabona.} x2

Couplet 3

Wibuke Isezerano, wibuk’ Iyasezeranye, Ibuka n’umunezero war’ufise ico gihe, Wahura n’uwo Mwami Yagusezeraniye, {Non’ub’ usubire uwugire Mugeni.} x2

Refrain

Izer’Ijambo Mugeni, Tamir’Ijambo Mugeni, Ambar’Ijambo Mugeni, Gendera mw’Ijambo Mugeni, {Ehe...ugira uje ahabona.} x2

Couplet 4

Usubire wibuk’ ubushizi bw’amanga War’ufise mu gushingir’ intah’Ijambo, mu gihe ca mber’ugihura n’uwo Mwami Mwiza, {Non’usubir’ ugire ubwo butwari.} x2

Refrain

Izer’Ijambo Mugeni, Tamir’Ijambo Mugeni, Ambar’Ijambo Mugeni, Gendera mw’Ijambo Mugeni, {Ehe...ugira uje ahabona.} x2

Couplet 5

Igisigaye Mugeni n’uko wokwiherez’ Umwami, Ntugir’ico wisigariza mu kwiheber’ Uhoraho, Ubu arikw’arasozerera vyose muri wewe {Reka rer’Umwami yigaragaze none.} x2