#538
Twihangane mur’iyi nzira
Umuco 2
Couplet 1
Twihangane mur’iyi Nzira, Icamwo gusa Abahizi, Twihanganir’ ibitugerageza vyose, Uwihangana azoshikira ca Gitsibo ciwe.
Refrain
Nezerwa cane mutima wanje, Kandi wizigire Uhoraho... {Kukw’ivyo wizeye ar’ivy’ukuri.} x2
Couplet 2
Yemwe bana b’Imana nimuze, Twihanganir’iyi mibabaro, Imibabaro n’iy’igihe gito cane, Uwihangana azokwambikwa inyambaro yera.
Refrain
Nezerwa cane mutima wanje, Kandi wizigire Uhoraho... {Kukw’ivyo wizeye ar’ivy’ukuri.} x2
Couplet 3
Dukomeze twumvire Ijambo, Kukw’iryo Jambo ni yo mababa, Azotugurukana gushik’iyo mw’Ijuru, Ngo tuzonezerwe hamwe n’Abera: bene Data bose.
Refrain
Nezerwa cane mutima wanje, Kandi wizigire Uhoraho... {Kukw’ivyo wizeye ar’ivy’ukuri.} x2
Couplet 4
Bene Data bagiye nk’intwari, Ni twashikama tuzobabona, Hahirw’abagenda batunganye rwose, Kukw’abo ni bo bazokwambikwa Ibitsibo vyabo.
Refrain
Dukomeze twizer’ Ijambo, Nka Sogokuru Aburahamu... {Kukw’ivyo twizeye tuzobibona.} x2
Couplet 5
Twizer’Imana yacu vy’ukuri, Duhagarare mw’Ijambo ryayo, Inzamba y’Imana na y’irasemerera, Nimuze rero Bana b’Imana,
Couplet 6
inzamb’ikivuga.
Refrain
Hahiriw’abumvira Ijambo, Abo ni bo Mugeni wa Yesu... {Kuko bitonder’ Ijambo ry’Umwami.} x2