#533
Har’ihanga ry’imana rikomeye
Umuco 2
Couplet 1
Har’ihanga ry’Imana rikomeye, ryaciye hano mw’isi kuva kera cane,
Couplet 2
n’Ihanga ryaneshej’ abami n’abakuru b’isi. Eka n’Ihanga ry’Abatoranijwe, {S’ihanga ryaguzw’ ibishira vy’isi, ifeza, zahabu cank’amahera, n’Ihanga ryaguzw’ Amaraso y’Umukiza Yesu, n’Amaraso y’akabura rugero.} x2
Couplet 3
N’ihanga ry’Abana b’Isumba vyose, bavyawe na Mpwemu n’Amaraso y’Imana baciye mw’is’ar’ ingenzi hamwe na kavantara, barorerey’ Igihugu c’Imana, {Iryo hanga ntaworyi-madikamwo, ngo yigan’ingendo n’imvugo yaryo, n’iry’Abatoranijwe gusa barivukiramwo, rigizwe n’abami n’abaherezi.} x2
Couplet 4
Intwari nkur’ir’ imbere yaryo, Yitw’Umwami Yesu Kristo umwe Yabambwe, Yarivyaye mu Musaraba n’ubutame bwinshi, Yitwa Jambo w’Imana, Munyakuri, {Ntiyemereye n’umw’ Arihahaza, iryo hanga n’imbonero z’Imana, uwuribujij’ amahoro wes’arabizira, n’ubura bw’Uhorah’ Imana Nzima.} x2
Couplet 5
Mw’iryo hanga harimwo na Yefuta, Samusoni hamwe n’abandi benshi cane. Dutanguye kuvug’ ivyabo bwokwira bugaca, Basinziriye bitez’igihugu, {Mwibuk’ Abedi Nego mu muriro, Moridekay’ imbere ya Hamani, Yohana na Petero bar’imbere y’abakuru, banse gupfukamir’ ibishushanyo.} x2
Couplet 6
Mbega woba wavutse mw’iryo hanga? Ushobora kuba wararivukiyemwo wifat’ut’ imbere y’amarushw’ Iman’Igupima, Mbeg’ ugumy’ ukwizera wakiriye? {Ronder’uce mw’irembo rifunganye, ryaciyemw’ Aber’ Abahizi benshi, Bagiye banesha iyi si kubw’Isezerano, Babay’ akarorero kw’Ishengero.} x2